Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Hollande: Guhiga abarwanyi muri Mali biri ku ntambwe ya nyuma
 Hollande: Guhiga abarwanyi muri Mali biri ku ntambwe ya nyuma
 Hollande: Guhiga abarwanyi muri Mali biri ku ntambwe ya nyuma
				
				dimanche 24 Ruhuhuma 2013
Umukuru w’igihugu c’Ubufaransa, Francois Hollande, yavuze ko abasirikare b’Ubufaransa muri Mali bari ku ntambwe ya nyuma mu guhiga abarwanyi ba ki Islam mu misozi binyegejemwo.
Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, Francois Hollande yakeje kandi abasirikare ba Tchad ku kuntu bahanganye n’abarwanyi mu buraruko bwa Mali.
Abasirikare ba TChad cumi na batatu baguye mu ntambara zikomeye zabaye kuwa Gatanu, abarwanyi mirongo itandatu na batanu nabo nyene baguye muri izo ntambara.
Abasirikare ibihumbi bibiri ba Tchad barungitswe muri Mali mu mugwi warungitswe n’umuryango w’ubumwe bwa Afrika.
Abo basirikare vyitezwe ko basubirira Abafaransa nibava muri Mali mu kwezi kuza.
Mugisha Van Naris
