Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Human Right Watch yasavye ko ingingo yafatiwe Al Jazeera yohagarikwa
Human Right Watch yasavye ko ingingo yafatiwe Al Jazeera yohagarikwa
mardi 3 Rusama 2016, par
Ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka zina muntu, Human Rights Watch, risaba Reta ya Irak kwisubirako ku ngingo yafashwe, igasubira kwugurura ibiro vy’Imboneshakure Al Jazeera biri ku murwa mukuru Baghdad muri Irak, bikaba biheruka kwugarwa mu ndwi iheze.
Human Rights Watch imenyesha ko iryo yugarwa ata kindi rigamije atari uguhonyanga ubwigenge bwo gushikiriza ivyiyumviro.
Mu ndwi iheze, igisata co muri Irak kijejwe itangazamakuru cafashe ingingo y’ukwugara muri ico gihugu ibiro vy’Imboneshakure Al Jazeera, mu kiringo c’umwaka.
Iyo mboneshakure yagirizwa guhamagarira abanyagihugu bo muri Irak mu bwicanyi, hamwe n’uguca kubiri n’amategeko agenga umwuga wo kumenyesha amakuru, mu gihe c’intambara yo kurwanya iterabwoba.
Tubibutse ko imbere y’uko iyo ngingo ifatwa, abategetsi ba Irak bigeze kubuza iyo mboneshakure Al Jazeera gutangaza amakuru incuro zishika zitatu zose.
Mu mwaka w’2013, iyo mboneshakure yarigeze kandi guhagarikwa, inyuma y’aho ishikirije amakuru y’abasirikare barashe aba isilamu bo mu bwoko bw’aba Sunite.
IGIHE
Messages
3 Rusama 2016, 10:16, par MUYAHUDI
ZEMURAHANURA BAREK KUZABARAFATA INGINGO GIHUTIHUTI