IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibarabara avenue de la mission rirageramiwe

Ibarabara avenue de la mission rirageramiwe

vendredi 19 Ndamukiza 2013

Leta y’Uburundi iritwararitse gukora amabarabara yaba ayo hagati mu gihugu canke ayo mu gisagara ca Bujumbura.Ariko ibarabara’’ avenue de la mission’’ ryo risa niryibagiwe kuko riramaze igihe kinini rya rononekaye ariko nubu ntakiriko kirakorwa.

JPEG - 42.5 ko
Ingene ibarabara avenue de la mission rimeze

Nk’uko ababa mu gisagara babitumenyesheje, ngo ntako batagira mu kubivuga ariko akamo kabo ngo ntikumvirwa.Abandi bashavuzwa n’iryo barabara ni abahacisha imiduga yabo kuko nayo nyene ihononekarira.Nkabunguruza abantu baca muri iryo barabara kenshi bavuga ko ku kwezi ku kwezi bagura icuma gishasha co guhindura n’icapfuye, bivanye n’ububi bw’ibarabara avenue de la mission,bakibaza iyo ikori batanga rija, mu gihe iryo barabara rimaze igihe rya rononekaye,kandi ryinjiza amafaranga menshi ,ariko hakabura uwurigarukira.

JPEG - 41.8 ko
Ibarabara Avenue de la Mission

Imbere y’uko ryononekara ryari ibarabara rikozwe nk’ayandi yose yo mu gisagara,ariko bukebuke ryagiye rirononekara gushika yaho ubu utoba ukiritandukanya n’ibarabara rya kera rya Karuzi –Muyinga.Mugihe c’imvura iryo barabara riruzura amazi n’ivyondo hamwe abahakorera babura aho baca kugira bashike iyo baja.

Mu gihe habonetse umuco ,ni ukuvuga iyo akazuba katse,na burya ari ibarabara ricamwo imiduga myinshi,ntawo harengana adapfunze amazuru kuko umukungugu ariwo usanga wuzuye iryo barabara.Abahakorera twayaze baremeza ko bamana ingwara zo guhema nabi,babandanya kandi batubwira ko bama bariko barahanagura aho bakorera,eka n’ibidandazwa vyabo vyama vyononywe n’umukungugu bigatuma bamana agahombo ku munsi ku munsi.

JPEG - 33.4 ko
Avenue de la Mission

Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.