IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibarabara RN 2 Bujumbura-Bugarama rigiye gusanurwa

Ibarabara RN 2 Bujumbura-Bugarama rigiye gusanurwa

lundi 7 Nzero 2013

Ibarabara RN 2 rihuza igisagara ca Bujumbura n’ikomine ya Bugarama rigiye gusanurwa inyuma y’aho ricikiye bivuye ku mazi menshi yavuye ku mvura yaguye ituma amazi anyengetera munsi yaryo.

Imvura yaguye mu ntara ya Bujumbura benshi bita Bujumbura Rural yatumye ibintu bitari bike vyononekara.Muri ivyo vyononekaye harimwo ibarabara RN 2 rihuza igisagara ca Bujumbura na komine Bugarama yo mu ntara ya Bujumbura benshi bita Bujumbura Rural

Nkuko rero umuyobozi ajejwe ivyo amabarabara Amissi Ntangibingura yabibwiye bagenzi bacu bakorera Radiyo na Televiziyo vy’igihugu,ngo ibikorwa vyo gusanura iryo barabara bigiye gutangura muri ino ndwi.

Ku kibazo co kumenya igituma ivyo bikorwa bisa n’ivyacerewe,umuyobozi Amissi yavuze ko ivyo vyavuye ko bari babuze uburyo bwabo muri ubwo buyobozi kandi ko vyasaba ko hategerezwa kuba ihiganwa kugira haboneke ishirahamwe ryotsindira isoko yo gusanura iryo barabara.

Twobibutsa ko iryo barabara atari ku ncuro ya mbere ricitse kuko no mu myaka iheze ryacitse bigatuma uruja n’uruza ruhagarara umwanya utari muto.


Mugisha Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.