IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura : Amanama ajanye n’ishirwa mu ngiro ry’isoko ritagira inzitizi (...)

Bujumbura : Amanama ajanye n’ishirwa mu ngiro ry’isoko ritagira inzitizi arategekanijwe

vendredi 10 Gitugutu 2014

Mu gisagara ca Bujumbura harategekanijwe amanama atandukanye mu ntumbero yo kwiga ishirwaho ry’arya soko ritagira inzitizi rihuza uturere dutatu duhurikiyemwo ibihugu 26 vyo muri Afrika COMESA, EAC na SADC.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru co kuri uno wa gatanu, umushikiranganji ajejwe iyinjira ry’Uburundi mu karere ka Afrika y’ubuseruko, Léontine Nzeyimana yashikirije aho ibintu bigeze mw’ishirwaho ry’akarere k’isoko ritagira inzitizi rihuza uturere dutatu ari two COMESA, EAC na SADC.
Kugira iryo soko rijeho, umushikiranganji Léontine Nzeyimana amenyesha ko bashizeho umurwi w’abafundi bajejwe ibiganiro. Ivyo biganiro navyo bikaba bishingiye ku nkingi zitatu arizo kwagura isoko, guteza imbere amahinguriro hamwe no guteza imbere inyubakwa rusangi ariyo mabarabara yaba ay’indarayi canke ayo mu mazi.

JPEG - 25.2 ko
Léontine Nzeyimana, umushikiranganji ajejwe iyinjira ry’Uburundi mu karere ka Afrika y’ubuseruko

Umushikiranganji Léontine Nzeyimana amenyesha ko ivyo biganiro bizotuma haba uguteza imbere ubuzima bw’abanyagihugu bari muri ayo mahuriro, gutanga akazi, kworohereza uruja n’uruza rw’abagwizatunga, kurwaniriza hamwe indwara n’ibindi. Ariko n’aho Uburundi buzohungukira ibitari bike, yaba abanyagihugu canke abagwizatunga, umushikiranganji Léontine Nzeyimana avuga ko atazi ryari bizoja mu ngiro, ariko inkingi ya mbere yoyo ijanye no kwagura isoko igeze kure, nk’uko abandanya abishikiriza.

Tubamenyeshe ko ivyo biganiro bitegekanijwe ku magenekerezo ya 13 Gitugutu gushika kuwa 25 Gitugutu hamwe no ku magenekerezo ya 27 gushika kuwa 30 Gitugutu.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.