IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > « Ibiganiro birihutirwa hagati y’abegwa n’ibibazo vy’Abarundi »

« Ibiganiro birihutirwa hagati y’abegwa n’ibibazo vy’Abarundi »

dimanche 26 Ruheshi 2016, par Egide NDUWIMANA

Intuma z’inama ijejwe amahoro n’umutekano mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika zasozereye urugendo zari zimazemwo iminsi itatu mu gihugu c’Uburundi. Izo ntumwa zimenyesha ko ibiganiro vyihutirwa hagati y’abegwa n’ibibazo vy’Abarundi kandi ko Abarundi bonyene ubwabo ari bo bategerezwa kubitorera umuti.

Inyuma y’urwo rugendo, izo ntumwa zemeza ko zasanze hari ibintu vyinshi vyahindutse mu Burundi, zikavuga ko Reta y’Uburundi yakoze utwigoro tutari duke mu bisata bitandukanye. Ariko rero, nk’uko bimenyeshwa na Lazarre Makayat Safouesse yari arongoye izo ntumwa, ivyo gukosorwa biracariho.

Nk’uko bari cumi na bane muri urwo rugendo bahoramwo mu Burundi, bamenyesha ko bavuganye n’impande zitandukanye, harimwo abarongoye igihugu ku rwego rwo hejuru. Barabonanye n’abaserukira amadini n’amashirahamwe yigenga.

Nk’uko babishikiriza, mu mibonano yose bagiraniye n’imirwi y’abantu batandukanye, vyabonetse ko bose barushe kandi bipfuza ko hoba ibiganiro vuba bwango, kuko indyane ziri mu Burundi ziguma zisubiriza.

Nk’uko bivugwa n’izo ntumwa z’inama ijejwe amahoro n’umutekano mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, abantu bose babonanye nazo bahuriza ko ibiganiro bitegerezwa kuba, abantu bakicarana, kugira bashike ku mwumvikano.

Tubamenyeshe ko amakuru ava i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya, ariko ataremezwa n’umuhuza, avuga ko ibiganiro bihuza Abarundi vyoba bigiye gutanguzwa, kuva kw’igenekerezo rya 5 gushika kurya 10 Mukakaro 2016, i Arusha nyene.


IGIHE

Messages

  • Ibiganiro bikewe ni ibibera hagati mugihugu. naho iyo mihirimbiri yo.muri CNAREC nikomeze igandagurane n’ibiyeri iyo za Belgique

  • ndabashimiye cane kukuntu batahuye ko leta yacu yakoze utwigoro,ariko nkabakebura bareke gukoreshwa nabazungu,nkuyo aherera ibubamfu sumuzungu?abanyafrika nitwe twishe afrika,ariko Nyakwubahwa NKURUNZIZA wewe mbona ko ariwe azohava ahagurukira abobakoroni kuko numugabo adatamikwa ijambo na obama aramutinya!

  • Imana.Ifashe,uburundi,nabrundi,

  • Imana,ifashe,abarundi,nuburundi

  • ntamahoro atangwa numuhuza amahoro nyakuri atangwa nuhoraho,kuko abana babantu barabeshanya muburundi habayeho ibiganiro vyishi cane kuki bitazanye amahoro arama?

  • nitwanka ibiganiro ariko ntidushaka abobamenja bashatse guhirika ubutegetsi ok ntibabeshe ubu amahoro ariho niyose nuko nibirambire ngira bavyiboneye karigihugu kigendwa

  • Iyo umuntu utamuhaye akazi akora nabi akoraneza ivyo ntibiba bikuraba kira noneho akokarwi ka nkurunziza ntakintu nakimwe ciza kipfuza gukora uretse ubwicanyi gusa jewe ejobundi naraciye kumusaga ndibonera namasoyanje amarorerwa imbonerakure n igiporisi vya nkurumbi ayobariko bakorera abanyagihugu sayo kuvurwa ndatangaye kwumva izontumwa zinangamura zikavugako nkurunziza na karwi kiwe ngo harivyo bakoze mbe mama ahobashatse kumushimira kugupfunga abana kubu mbona arivyo agezeko

  • none gushika na ubu abo banyamahanga ntibabona ko hari ibibananira kand bitwa ko bashoboye?emwe nibagire ariko igihugu wumva n’abashingamateka bagira ubwoba biba bigoye!

  • kubera ukuri ariguke kumpande zose nubukunzi bwinda noguharanira ibiti ndabona numuhuza arashobora kunanirwa hejuru yokunanizwa kuraba canke bariya bafisicobapfa ntakindi numwanya wubupresida cnd yemeye guhindura presida kuko ingorane muburundi ni nkurunziza

  • @tari (mujeri). Komeza ugandagurane n’obiyeri nka Kiramvu. Abarundi turiko turitegura elections za 2020.

  • Inkozi yikibi yitwa Patrice Ndihokubwayo imaze gufatwa na Police ku Musaga. Biracyazaa!

  • Bagenzi;
    Haza isi yose ntanumwe azoshobora gutorera umuti ikibazo c’Abarundi aribo twebwe atari twebwe nyene.Amakungu arafasha gusa ayandi agakokeza aciye kumpande zose (mouvance et opposition).Hari n’abarundi burya bavuga bati reka bigume uku tube turirira nakare ibi bibanza ntivyari kuba rwacu.Hari n’abandi bavuga bati erega twarihenze canke twarahenzwe muga ntibabone ingene bobivamwo kubera ubwoba bwo gutakaza ivyubahiro bafise.Hari n’abandi benshi bavuga bati twe tubona vyoca mukuvugana no mukwumvikana kuko babona atawutakosheje....Ivyiyumviro ni vyinshi muga ntiduhendane canke ngo dusigane inkore kumaso:ABEGWA NA POLITIQUE BARAKENEYE KUVUGANA ATAWUCIRA URUBANZA UWUNDI KUKO NTAWERA.ivyo vyanse tuzoronka agahengwe katarama abantu bagume bapfa buke buke,ubukene budutere kubera ibihugu rutura biba bihaboneye akanya ko kutugabura bivuye kunyungu zabo.Mwibukeko na Zimbabwe ikiri kuri carte ya Afrique muga kubera kwishinga kunyinyurana n’amakungu ibintu vyarabaye nabi gushikaho basigaye bakotesha amahera y’ubwoko hafi butandatu.

  • Gusohoka kw’ubwongereza muri European union bizatuma amafaranga abafaransa bafashishaga interahamwe ziri iburundi abura cyane cyane iziri mugipolisi ntanumwanya bongera kubona wo kubakurikirana muminsi mike turabatora nkukwo inkoko itora amasaka

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.