IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibigo vyo kugaburiramwo abana mu mashure vyuguruwe icese

Ibigo vyo kugaburiramwo abana mu mashure vyuguruwe icese

vendredi 11 Gitugutu 2013

Mu ntumbero yo kwitegurira umunsi mpuzamakungu wahariwe imfungurwa kw’isi yose wama uhimbazwa ukwo umwaka utashe kw’igenekerezo rya 16 Gitugutu, haratangujwe indwi yahariwe gufungura neza, ibirori vyo kuyitanguza vy’uguruwe n’umushikiranganji w’uburumyi n’ubworozi Odetta Kayitesi, bikaba vyabereye mu ntara ya Cibitoke.

Ibirori vy’uwo munsi vyabaye kuri uyu wa kane igenekerezo rya 10 Gitugutu mu ntara ya Cibitoke, vyatangujwe n’urugendo rwabereye kw’ivuriro ry’i Buranbi muri komine Buganda, aho abategetsi batari bake bari hahishikiye harimwo na bamwe mu baserukira ibihugu vyabo mu Burundi co kimwe n’abarongoye amashirahamwe mpuzamakungu yitaho ivy’imfungurwa mu Burundi.

Kuri ivyo bitaro vy’i Burambi, bakaba batanze ingaburo zigizwe n’ubuyi, isukari n’amavuta ku bana n’abakenyezi bibungenze kuko basanze igitigiri c’abafungura nabi carongerekanye. Kubwa Antoine Sindayigaya, muganga mukuru ajejwe akarere k’ubuvuzi mu ntara, yamenyesheje ko igitigiri c’abafungura nabi ku rugezo rusanzwe, kigeze ku bice 4,5 kwi 100; abafungura nabi kurugezo rwo hejuru bageze ku bice 2,5 kwi 100 hamwe n’abafura nabi muri rusanga bageze ku bice 50,7 kwi 100.

Bavuye kuri iryo vuriro, urugendo rwaciye rubandanirizwa ku kigo c’abafurera Bene Yozefu bafise ishirahamwe ryorora inzuki,aho basanze umwimbu umeze neza, aho ku mwaka bashobora guhakura ubuki buri hagati y’amatoni 8 na 13. Umushikaranganji w’uburimyi n’ubworozi akaba yaciye aha agashimwe, amashirahamwe agera kuri 13, ibikoresho vyo kurushirizaho gukora neza, bagwize umbwimbu gusumba.

Inyuma yaho, abo bategetsi baragendeye n’ishirahamwe ririma umuceri ‘Abajamugambi’ risanzwe rishigikiwe n’umugambi PAIOSA mu gufasha ubushikiranganji bw’ubwurimyi n’ubworozi ngo butunganye neza imigambi yabwo. Iryo shirahamwe akaba ari naryo ryatowe mu bandi barimyi bo muri iyo ntara ya Cibitoke kuzoshorerwa umuceri wo kugaburira abana bo mushure matomato asanzwe ari muri wa mugambi wo gufungurira abana ku mashure (Cantines endogenes).

Urugendo rw’uwo munsi rwagiye kurangirizwa ku mashure matomato y’i Bugeregere ya komine Rugombo, aho bagendeye inyubakwa batekeramwo imfungurwa z’abanyeshure bari muri ico kigo, ari naho mbere hatangujwe icese ‘ibigo vyo kugaburira abana mu mashule hakoreshejwe ivyimburwa twirimira ngaha mu gihugu cacu’.

Mw’ijambo ryiwe ryo gutanguza indwi yarahariwe gufungura neza, umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi Odetta Kayitesi yavuze ko icivugo c’uno mwaka, c’umunsi mpuzamakungu wahariwe gufungura neza, caje hageze mu gihe hano mu Burundi imigambi itari mike iriko irarangurwa. Yarashimiye amashirahamwe nka PAM, FIDA, FAO adahengeshanya kubafata mu mugongo mu kwurwanya inzara mu Burundi. Kuri uwo mugambi w’ibigo wo kugaburira ku mashure, umushikiranganji Odette Kayitesi, yavuze ko ari umugambi ngirakamaro kuko abana bagira amagara meza, bakurikirana neza ivyirwa baze bavemwo incabwenge zibushitse, mbere n’urugezo rw’abaheba amashure kubera inzara rugabanuka.

Ku bavyeyi naho, abana bagaburirwa, imyitwarariko yo kubarondererea ivyo bafungura iragabanuka, n’imiryango ya bantaho nikora irahimiriza n’abana kuja kw’ishure. Uwo mugambi kandi unywanisha uburimyi n’amashure kuko abarimyi bahatorera akoyokwe na rirya ivyo bigo bikoresha ivyimburwa birimwa hano mu Burundi. Abarimyi rero bararonka isoko bashoreramwo ivyo bimbuye, gutyo n’umwimbu ukiyongera.

Yasavye abo bose berwa n’uwo mugambi ko bowufata neza, bakawugira nk’uwabo na cane cane abavyeyi barereye kuri ayo mashure kuko no mu bindi bihugu, ibikorwa bijanye no gikinjikira abana bikorwa n’abavyeyi. Yasavye kandi abanyacibitoke kwijukira ibikorwa, atera n’akamo abarinyi bose bo mu kiyaya c’imbo badatabira imirima yabo bitwaje ngo isi y’imbo ngo ntitabirwa kuba ibuzimu baje ibuntu kuko ata si idatabirwa.

Mwokwibuka ko umunsi mpuzamakungu wahariwe imfungurwa hano mu Burundi uzohimbarizwa mu ntara ya ngozi, igenekerezo rya 16 Gitugutu 2013. Icivugo c’uno mwaka akaba ari: ‘’Uburyo burama bwo guteza imbere uburimyi n’ubworozi, guhingura ivyimburwa no gutegura imfungurwa n’inshingiro ryo kurwanya inzara no gufungura neza’’.


Mariella Bukuru

Messages

  • nkunze gusoma ibinyamkuru ariko sinari bwa some ikinyamakuru kinezereje nk’iki. iryo shirahamwe ryo gufasha abavyeyi kurerera kwishure numugambi mbumbagihigu kweri. nanje ndashigikiye uwo mugambi ariwo nkingi y’uburundi kanatsinda ntawutowushigikira

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.