IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Ibihugu vya Sudani na Sudani y’epfo vyahurije ku masezerano

Ibihugu vya Sudani na Sudani y’epfo vyahurije ku masezerano

dimanche 6 Nzero 2013

Abahuza, bavuga abakuru b’ibihugu vya Sudani na Sudani yo mu bumanuko, bumvikanye, ku vyerekeye kwubahiriza ibirangamisi, ku bijanye n’ugushira mu ngiro amasezerano akomeye, ku vyerekeye umutekano, ibitoro n’imbibe, yahagaze mu kiringo kirenga amezi atatu.

Ayo masezerano, arimwo ivyuko Sudani yo mu bumanuko isubira gushorera ibitoro hanze, biciye mu miringoti iri muri Sudani, yatangajwe, ejo ku musi wa gatandatu, mu biganiro mu gihugu ca Ethiopia.

Ayo masezerano arimwo kandi gusubira kwugurura imbibe, ku vyerekeye ubudandaji, n’ugukura inteko, mu ntara ziri ku rubibe, zirimwo amatati, n’ugushiraho igipolisi, mu ntara ikomeye irimwo ibitoro ya Abyei.

Umuhuza w’ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika, Thabo Mbeki yatangaje ko perezida w’igihugu ca Sudani, Omar al-Bashir, na prezida wa Sudani yo mu bumanuko, Salva Kiir, bumvikanye gufata ingingo, ku masezeranoa bashitseko, atakibanje gusabwa.

Umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Ethiopia, Hailemarian Desalegn, yakiye ivyo biganiro, vyamaze imisi ibiri, mu gisagara ca Addis Abeba, yabwiye abamenyeshamakuru, ejo ku musi wa gatandatu, kw’ashimishwa cane, n’intambwe zashitseko, muri ivyo biganiro


Grâce Irimbere

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.