IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibikorwa vyo kwerekana imbibe z’Uburundi na Tanzaniya bigiye kubandaniriza (...)

Ibikorwa vyo kwerekana imbibe z’Uburundi na Tanzaniya bigiye kubandaniriza mu zindi ntara

mardi 10 Ntwarante 2015

Ibikorwa vyo kwerekana ahari imbibe z’ibihugu vy’Uburundi na Tanzaniya bigiye gusubira kuba.

Umugambi wo kwerekana aho izo mbibe zica hagati y’Uburundi na Tanzaniya ugiye kuzosubira, inyuma y’aho intara ya Muyinga isanzwe ihana urubibe n’ico gihugu mu Burengero bushira Ubuseruko, imbibe za kera zisubiwe kwerekanwa. Abahinga b’ivyo bihugu bibiri ari vyo Uburundi na Tanzaniya, abo mw’ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Afrika n’abishirahamwe GIZ, bose bakoraniye i Bujumbura, mu ntumbero yo kurabira hamwe integuro y’uburyo bari bategekanije uwo mugambi.

Ku bwa Général de Brigade, Ildephonse Habarurema, arongoye intumwa z’Uburundi muri ico gikorwa, amenyesha ko yizeye ko igikorwa bagiye kuzorangura kizogenda neza. Zimwe mu mbibe z’ivyo bihugu vyose hamwe hamwe usanga zarazimanganye, ahandi naho, ugasanga inzuzi z’ahagabura zarakamye canke zafashe iyindi nzira. Ibikorwa vyo kwerekana ahari imbibe z’Uburundi na Tanzaniya, no kuzerekana bushasha mu mwumvikano w’ibihugu vyose uko ari bibiri, ukaba watangujwe n’umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza ari kumwe n’uwigihugu ca Tanzaniya Jakaya Kikwete, muri komine ya Giteranyi isanzwe ihana urubibe na Tanzaniya, i Mugoma mu karere ka Kagera.

Uburebure bw’ibirometero 450, akaba aribwo buzerekanwa imbibe, ku va mu ntara ya Muyinga, gushika mu Bumanuko, mu ntara ya Makamba.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.