Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ibintu bitanu abagore badakunda kubwirwa
 Ibintu bitanu abagore badakunda kubwirwa
 Ibintu bitanu abagore badakunda kubwirwa
				
				samedi 15 Ruheshi 2013
Muri iki gihe usanga benshi bafite imvugo zitandukanye ku vyerekeraye imibano mu miryango, benshi usanga bavuga ngo: “nta rukundo nyarwo rukibaho”, abandi ngo: “ingo z’ubu ntizishobotse”. Yamara usanga akenshi, izi mvugo ziba ari ukuri.
Twagerageje kubegeraniriza amwe mu majambo abagabo badakwiye kubwira abakunzi babo.
1. Kumubwira ko afite amabere meza
Abagore co  kimwe n’abakobwa baranka uwubabwira uko  amabere yabo ameze.
Usanga abagabo benshi babwira abakobwa ko bafise amabere meza. Yamara mu vy’ukuri iyo urivuze, icumvikana cane n’uko bija mu nzira z’ubusambanyi.
Mu bakobwa usanga hari abafise amabere manini abandi mato, mu bihugu vyateye imbere nka Leta Zunze ubumwe za Amerika, benshi baja gukoresha amabere y’amakorano kugira ngo bagire manini. Usanga rero abakobwa badakunda kugira amabere manini aribo benshi kandi baba mu bihugu bikiri mu nzira y’amajambere.
Si vyiza rero kubwira umukunzi wawe canke uwundi mukobwa uwo ari wese ko afise amabere meza kandi ubona ko ari manini, iciza n’uko wokwinumira.
2. Ufise amategeko yawe canke?
Abakobwa benshi bababazwa no kubwirwa iri jambo mu gihe umuhungu canke umugabo arivuze aba asa n’uwikinira. Si vyiza gukoresha amagambo akomeye kuko atariyo yereka umuntu ko ari mu makosa, niba umukunzi wawe yakosheje canke hari ivyo yakoze mu buryo utari witeguriye, gerageza kumwegera umwumve kuko akenshi aba yabikoze kugira ngo akunezereze.
3. Mfise akazi kenshi
Abagabo benshi mu masaha y’amakuru, umupira, ibiganiro haba kuri radiyo canke kuri televiziyo, usanga ata kindi kintu baba bitayeho.
Yamara ayo masaha usanga ariyo umukunzi wawe aba akeneye kukubwira utuntu twinshi kandi ukamusubiza. Ku kubaza ibijanye  n’akazi, kukubwira ukamutoza ico  azokwambara ku munsi mukuru runaka, ndetse hari vyinshi  uba udakwiye kwirengagiza.  Abagore rero baba bakeneye umuntu abitaho kuruta ibindi byose.
4. Turagabura kuriha
Iri jambo naryo riri mu majambo amwe abagore badakunda. Bamwe mu basore usanga namba yasohokanye n’umukobwa cane cane ubwa mbere yanka kwishura amajambo yose kuko ngo aba atarizera namba uwo mukobwa azomwemera koko. Yamara ngo usanga aba ariko yiyononera inzira igihe cose yibaza ko bofashanya kuriha amafaranga y ‘ivyo bakoresheje yaba amafaranga y’urugendo canke ibindi bintu bafashe. Sivyiza kugabura ahubwo mwobivuganako hanyuma nawe akazoriha ikindi gihe.
5. Nari nasinziriye
Inyishu nk’iyi abagore barayanka. Si vyiza kubwira umukunzi wawe ko wari wasinziriye mu gihe akubajije impamvu utagiye ku kazi, wacerewe gufata imodoka canke utagiye gutahana abana kw ‘ishure.
Iki gihe agufata nk’utagize ico ukora canke nk’uko ataco witayeho kandi wewe wabifata nk’ibintu vyoroshe. Ashobora kukwumva mu gihe umubwiye ko wari wasinziriye kubera warurushe kubera akazi canke ikindi kintu cose gifise inyungu.
Ikiruta vyose ni ukumenya neza umukunzi wawe, ukamenya uko ameze, ivyo yanka, bizogufasha kubana nawe umukorera ivyo uzi bitamubabaza.
Floxella Karire

Messages
16 Ruheshi 2013, 00:39, par teddy
Ndashimye izi nkuru mutugezaho ariko ntaco mutumariye abahungu ngo mutubwire inyishu nziza twoja dutanga kuri aja majambo tudakwiye kubwira abigeme.
12 Rusama 2017, 14:22, par Fagason-lii-mesha
Sha Uko Nukuri Pe Nuko Bizi Bake Muri Ikigihe Bandanye Muduha Utundi Dukuru..