IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibinyamakuru bitanu vyanse kuzokwitaba ikiganiro c’abavugizi b’inzego (...)

Ibinyamakuru bitanu vyanse kuzokwitaba ikiganiro c’abavugizi b’inzego z’igihugu

mardi 16 Nyakanga 2014

Amaradiyo ane afadikanije n’ikinyamakuru IWACU yafashe ingingo y’ukutazokwitaba ikiganiro gitunganywa n’abavugizi b’ubushikiranganji butandukanye na Reta i Gitega, ku bw’ingingo yafashwe na sentare nkuru y’igisagara ca Bujumbura, yo kugumiza Mbonimpa mw’ibohero.

Ayo maradiyo akaba yafashe iyo ngingo inyuma y’aho Sentare nkuru y’igisagara ca Bujumbura imaze gufata ingingo ko Mbonimpa aguma apfunzwe, hakazobanza kuba umurwi w’abaganga uzotohoza ku bivurwa vy’ingwara yiwe. Ku rwandiko rwateweko umukono n’abarongoye ivyo binyamakuru, bavuga ko bakiranye umubabaro iyo ngingo bavuga ko ari iy’agahotoro, ingingo igumiza uwo mutama mw’ibohero, kandi bizwi ko amaze iminsi arwariye mu bitaro BUMEREC.

Amaradiyo yafashe iyo ngingo ni BONESHA FM, RPA, ISANGANIRO, RENAISSANCE FM n’ikinyamakuru IWACU. Ababirongoye bakavuga ko batazitaba ico kiganiro gitegekanijwe kuri uwu wa 19 Nyakanga 2014, i Gitega, ikiganiro kiba citabwe n’abavugizi b’ibisata bitandukanye harimwo n’abavugizi b’ubushikiranganji, umuvugizi wa Reta ndetse n’uwuvugira umukuru w’igihugu.


Aristide Nizigire

Messages

  • Nimukomere turi nyuma yanyu.

  • ISI YOSE IRABASHIGIKIYE MWEREKANE UKURI MUKOMEZE URUNANI

  • Nashaka kubaza, none kubera iki ari ibinyamakuru bitanu gusa, kandi tuzi ko mu Burundi ibinyamakuru vyigenga birenga bitanu ? Ubwo ntiwosanga iyo ngingo yafashwe n’abo batanu gusa batagishije inama abandi ? Namba ari uko vyagenze hoba habaye amakosa, kubera mwoba mutanguye kwicamwo imirwi, abazogenda mukazoba mubateranije n’abanyagihugu. Abafashe ingingo bari kubwira n’abandi, ababishaka bakifadikanya nabo

  • Naho tuzi mutazokworoherwa,vraiment courage burya abarundi tugona tubona burya bitebe bitebuke n,abanyagihugu bibaza ngo ntibovuga bazotera banka agacinyizo.vraiment très enchantés àces médias.

  • Ako kagaye kanyu nukwigira abahamabaye nivyo bituma aguma mumvuto. Mwebwe mushaka kwerekana ko umengo mubwiriza Leta ico ikora nayo ikabereka ko idakorera ku gitsure cuwariwe wese. Urya mutama mwamugize umwere kuva akirengukishwa, amakosa yagize ntimwigeze muyemera. Urya mutama yari yarigize une institution dans une autre arementanya emama ngo safishades choses imaginaires, emama ngo ihonyabwoko. C’est vrai yarakoze ivyiza harya umuntu umuvuga uko ari mugabo yashaka kuryanisha nabarundi kandi. ivyo yavuga vyari lourdes de consequences. Mukomantaza imitima yabatwara gusa mugira ngo muiriko murafasha mutama naho muriko mumuhezayo. Liberte d’expression si ukubesha. Turifuza ko yovayo apfuye ntaco twokwunguka harya kwihenda twese turihenda nawe yarihenze mugabo nuko umengo yari yimenyereye.

  • MUNTEYE GUSEKA? JEWE NARIKUBASHIGIKIRA IYO MUMENYESHA ABARUNDI NAMAKUNGU KO MUTAZOJA MUMATORA!!!!!!!!! NAYO IBIGANIRO TUZOVYUMVIRA KUBANDI, SINUKO IVYOMWAVUGA BITWUBAKA CANE ATARI UKUDUSAMBURA MUMITIMA!!!!!!!!!!!!!

  • Binyeretse ko harihabantu bafatibintu bakabishira ahobidakwiye kuja, abamenyeshamakuru bumwuga ntahagarika akazi ngonuko habaye ingorane runaka, Gusa kubwanje mwari guhagarika nkigihecimya 40 maze mukazogaruka ubusaza butakiborohereza BBC, RFI

  • Ahubwo jewe mbona vyoba vyiza baretse bose hama bakarebako igihugu kidatwagwa icomwomenya ntarunani rutamenwa

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.