IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibiro bijejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu biriyamiriza (...)

Ibiro bijejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu biriyamiriza amashusho ya France3

vendredi 15 Nzero 2016

Ibiro bijejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu bimenyesha ko amasanamu yaciye ku mboneshakure ikorera mu gihugu c’Ubufaransa France3 yerekana ubwicanyi bwoba bwabereye mu ntara ya Karusi atariyo.

Mw’itangazo umuhanuzi mukuru ajejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu Willy Nyamitwe yateyeko umukono kuri uno wa kane igenekerezo rya 14 Nzero 2016, Ibiro bijejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu bimenyesha ko ayo mashusho atafatiwe mu Burundi,kandi n’abantu baboneka atari abarundi kuko batavuga uruimi rw’ikirundi.

Ibiro bijejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu birangiza vyibutsa ibinyamakuru vyo ku mugabane wa Buraya bikunda gushikiriza ibihuha, ko umushingwamanza Bernard Maingain yamye ari mu murwi wihaye gucafuza Uburundi,ari kumwe n’umurwi w’abantu wihaye intumbero yo gucanishamwo abarundi.


IGIHE

Messages

  • komera mutama abo bazungu baronderiki kugihugu cacu? nibarabe ivyiwabo ivyiwacu babireke

  • Sabarundi kuko batemera ikiringo cagatatu? Nicushatse kuvuga bazoteba babe abarundi

  • Erega nta kundi nimuhagarike gutoteza abenegihugu kuko birabakorako aho bukera!!

  • Uburundi bwararamba! Uyu Nyamitwe hageze ko avuga ko atitwa ’Nyamitwe" kandi uwo tubona atari we! None ni gushika ryari azoheba kubesha. Niba atumva ikirundi twe turacumva.

  • sinababariyeko CNARED izokwegera abarundi akarambaye? ngabo basigaye badandaza ibiziga vyomubindi bihugu hama bakabesha ngo nivyabarundi uyo mubirigi Bernard Maingain birazwiko arumu CNARED akabari mubarwanya reta yitowe nabenegihugu, abobazungu babafaransa nabo nikokwukwonyene! abobose bihaye gucafuza igihugu cacu nukubiyamiriza twivuyinyuma

  • sinababariyeko CNARED izokwegera abarundi akarambaye? ngabo basigaye badandaza ibiziga vyomubindi bihugu hama bakabesha ngo nivyabarundi. uyo mubirigi Bernard Maingain birazwiko arumu CNARED akabari mubarwanya reta yitowe nabenegihugu, abobazungu babafaransa nabo nikokwukwonyene! abobose bihaye gucafuza igihugu cacu nukubiyamiriza twivuyinyuma

  • Imana Isumbigabo MbeNyamitwe Wibanza Komwadutaye Konabandi Banzoduta Nimana Iratubo Burya Munzotinda Mubibazwentibi,Nzohereraha

  • Izi video za MAingain nizabonetse kuri youtube itarike 22/12 mumwaka uheze. Havugwamo ururimi Haussa rwo muri Afrika yuburengero Nka Nigeria ... Zahindutse izabarundi gute..?

  • Byamaze kumenyekana ko ayo mashusho bayakuye muri theare yo muri Afrique de l’ouest. Abarimo bavuga ururimi rwitwa Hausa. Ningombwa ko leta yuburundi yitwarira France 3 hamwe na Mainguin (Avocat wa FPR).kuko birya ni amacakubiri.

  • mb iyo radio iryo bara yribonye h?mbko twbw ariyo turi ko atavyo twabonye!

  • harinaho boba arabarundi ugira abirirwa baragandagurwa sabarundi!

  • IVYOBINYAMAKURUBIRAGITOVYEKUKO ABANYAMAHANGABASAKAGUTOBAUMUTEKANO MUBURUNDI

  • Hahaha!!! Emwe batutsi ntimwumva kabisa!! Musigaye mufata videos zomuri Liberia mukazita ngo nizabarundi??!! Iryo nigere rya mwisho nimuronderere ahandi ahoho siho mwaragonze umusozi ntimwabimenye!!!

  • CNDD FDD, CA UTEGURA MANIFESTATION KW’ ISI YOSE TWIYAMIRIZE IRYO BARA BATWAMBIKA TUZOHAGARIKA ARUKO BADUKUYEKO ICO CEYI

  • Abarundi baremera ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu. Abatacemera n’abo bariko baradandaza ibiziga vyo muri Nigeria. Abantu bari i Burundi bagategereza ko abo ba sindumuja bazobakiza, bazopfana ishavu n’agahinda. Ni mwemere mushire ah’Imana ishize. Uwu muntu yitwa Ni Yonkuru, yerekana rwose ko ata cizere co kugera kuvyo bashaka bagifise. Yanditse ngo: "Imana Isumbigabo MbeNyamitwe Wibanza Komwadutaye Konabandi Banzoduta Nimana Iratubona. Ni mureke guta ibitabapfu ngo mucafuze n’Imana ya Peter Nkurunziza, niyo Mana y’Uburundi. Nta Mana ikorera mu bagumutsi. Na Shitani yaragumutse mw’ijuru barayikorora. Imana yerekanye ibintu bibiri bikomeye mu gihugu c’Uburundi mu mwaka wa 2015: "YASHIZE KU NGOMA NKURUNZIZA PIERRE, YIRUKANA NYANGOMA N"ABAYOBOKE BIWE BOSE. Abakurikiye Nyangoma bazopfira mu binyoma vyabo n’abazungu babo, kandi n’abayoboke babo nta mahoro bazogira mu mitima. Ariko abakunda uw’Imana yatoranije, bazorima bimbure, baryame basinzire ataco bikanga. None nk’impunzi ziriko ziragorerwa mu Rwanda no muri Tanzaniya, ugirango ni Peter yazirukanye? Bazize ibinyoma vya ba mpemayuzuye. UBURUNDI N’ICINARE C’IMANA, ni buhangame!

  • Ivyo Naho Mupfuye Kubivuga Sivyo.

  • Mbega komutabeshuje caÄ·inogo comukinama ngomuvuge yuko abarimwo atarabarundi? Ahubwo nimuze murabarya niho bitomenyekana ahantu musigaye mwiba nibitumbura vyabana imitima yabanru yoyo murazi yuko ariyo mwihereza iyiwanyu izoribwa nàgihonomu

  • Mbega ishuri ryo kubesha waryigiye hehe? wizibuye canke wizibanga ahubwo ngirango usigaye urumuvugizi wa shetani

  • Ngo biyamiriza 3è mandat?Sivyo batinya amatora kuko barazi ko ataco banze kuri terrain bagaca bashaka reta z’amagabura nyama.

  • Bwana Nyamitwe mugomba guhita mushyiraraho mandat d’extradition ububirigi bukohereza Kiramvu agacirirwa urubanza kuko yatangaje discours de la haine mw’izina rya opposition. Ari guhamagarira abarundi kwicana.

  • Leta Y’uburundi Niyiture Amasentare Yitwarire Abobamenja Bageze Aho Bacuruza Ibiziga Vyo Mubindi Bihugu Ngo Bikunde Uburundi Bwakwe Ubwigenge!Amakungu Kandi Nayo Naboneko Ibivugwa Kuburundi Vyose Ari Amarementanya Yabarementanya Bafise Ico Bashaka Gushikako Kinyegeje.Nibatuveko Kuko Iyo Nintango Bazokwama Bahinyuka Uko Nyene.O N U, U E, U A, E A C, Ntaco Nubu Muratahura Kuvyuburundi?Tuveko Twubake Uburundi Bwacu Kuko Amashoka Yogusenya Igihugu Ariko Ava Iwanyu Yamara Azopfuha Kubwubuntu Bw’ Imana Twahaye Ikibanza Cambere.Irutingabo,iruta Abazungu

  • ntaco ndabivuze kuko biratangake!

  • Non Twovyemezw Niki Katarivy

  • Ntaco navuga kuko uburundi nabarundi.bigeze ahatemba.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.