IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibitigiri vy’abafatwa n’ingwara zo mu mutwe vyariyongereye

Ibitigiri vy’abafatwa n’ingwara zo mu mutwe vyariyongereye

lundi 7 Ntwarante 2016, par egide

Abagendana indwara zo mu mutwe n’abarwayi nk’abandi, bafise uburenganzira bumwe nk’abandi barwayi imbere y’amategeko. Ivyo ni bimwe mu vyigishijwe mu ruganda rwateguwe n’ishirahamwe ABLD ( Association Burundaise pour la Lutte contre la Drepanocytose et les autres Maladies Génétiques).

Inyuma y’urwo ruganda, Eric Akira arongoye ishirahamwe ABLD yamenyesheje ko ivyigwa vyatanzwe muri urwo ruganda vyerekana neza ko uwufuse indwara zo mu mutwe ari umugwayi nk’abandi.

JPEG - 822.1 ko
Eric Akira arongoye ishirahamwe ABLD

«Indwara yo mu mutwe ni indwara ivugwa igakira co kimwe n’izindi ndwara ziri kw’isi. Uwufise indwara yo mu mutwe n’umugwayi co kimwe n’abandi bose, amategeko abagenga ni amwe.»

Eric AKIRA agirako asaba abahawe inyigisho ko bokora uko bashoboye bakamenyesha aho babaye ivyo bakuye mu ruganda narirya abarundi benshi bazi ko indwara yo mu mutwe ivugwa n’imiti y’ikirundi, iyo bita ibirozi canke amadayimoni.

Mu vyasabwe n’abaronkejwe inyisho hanini biraba Reta

Eric AKIRA ati : « Nivyo Reta yaratanguje umugambi wo gushira indwara zo mu mutwe ku rutonde rw’izindi ndwara, ariko impinga iracari ndende».
Yibutsa ko ata bitaro canke ivuriro ryakira abagwaye indwara zo mu mutwe bikukira Reta bihari, kandi ko n’ibigo bihari nko « Kwa Legentil », i Gitega n’ i Ngozi ari ivy’abikorera ivyabo.

Furera Hyppolite Manirakiza arongoye ikigo gikuru co kwa «Legentil» amenyesha ko abarwaye indwara zo mu mutwe ari benshi cane, ariko abashika kwivuza ari bake cane. Bimwe mu bituma izo ndwara zigwira harimwo cane cane intabara n’ubukene. Atanga akarorero ko mu mwaka w’2015, aho ico kigo cakiriye abarwayi bashika ku bihumbi 11. Ico gitigiri cariyongereye agereranije n’iyindi myaka. Abo rero baraheza bagafashwa n’ico kigo ubwaco.

JPEG - 857.8 ko
Furera Hyppolite Manirakiza arongoye ikigo gikuru co kwa «Legentil»

Mwomenya ko ivyirwa vyatanzwe n’abasanzwe bakira bakongera bakavura abarwayi bitura ikigo co kwa «Legentil». Ivyo vyigwa ahanini vyashimikiye ku mategeko agenga abarwayi hamwe n’ingene abarwayi bo mu mutwe bakirwa, bakongera bakavugwa. Ikindi n’uko bamwe mu barwayi bakize bari batumiwe, eka n’imfashanyo igizwe n’imifuko y’umuceri, isukari n’amasabuni bikaba vyahawe abarwayi bo mu mutwe, mu ntumbero yo kubashigikira no kubaremesha.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.