IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ibiziga birenga 40 vyatowe bireremba mu kiyaga Rweru

Ibiziga birenga 40 vyatowe bireremba mu kiyaga Rweru

lundi 25 Myandagaro 2014

Kuva mu kwezi kw’indwi, abarovyi bakorera ku kiyaga Rweru baguma babona ibiziga bireremba kuri ico kiyaga, kenshi bikaba biboshe. Abajejwe intwaro mu ntara ya Muyinga bamenyesha ko ata miryango irababwira ko yabuze ababo, amatohoza akaba yamaze gutangura.

Ivyo biziga bitorwa ku kiyaga Rweru gihana urubibe n’igihugu c’Urwanda biboneka bitekewe mu tumwanya, ibindi bikaboneka biboshe, hamwe n’ibindi biba vyambuwe impuzu, nk’uko abarovyi bakorera kuri ico kiyaga Rweru babimenyesha. Kuva mu kwezi kw’indwi, ibirenga 40 akaba arivyo vyabonetse, ivya nyuma bibiri bikaba vyari bigizwe n’umugore atari yambaye, hamwe n’umugabo atekeye mu kamwanya.

Amakuru atangwa n’abo barovyi amneyesha ko ivyo biziga vyoba bitabwa mu ruzi Akagera ku ruhande rw’Urwanda, urwo ruzi narwo rugaheza rugasesa ivyo biziga mu kiyaga Rweru kiri muri komine Giteranyi, intara ya Muyinga, mu gihugu c’Uburundi. Mu karere kegereye ico kiyaga bavuga ko ata muntu baraburira irengero, bakiyumvira ko ivyo biziga vyoba ari ivy’abantu boba bicirwa mu Rwanda, hama bakabazana kubata mu kuiyaga Rweru. Abo banyagihugu bakagira amakenga ku magara yabo, kuko basanzwe bakoresha ayo mazi y’ikiyaga Rweru kimaze iminsi gitorwamwo ibiziga. Gushika ubu abajejwe intwaro mu ntara ya Muyinga ntaco barashima kubivugako, ahubwo bagasaba abanyagihugu ko boza barateka ayo mazi imbere y’ukuyakoresha, bongere baze baramenyesha aho babonye ivyo biziga, kugira bikurwe mu mazi bitarasanzara.

Nk’uko bivugwa na Aline Manirabarusha, buramatari w’intara ya Muyinga, umurwi w’amatohoza waramaze gushirwaho, kugira ahava ivyo biziga bitorwa mu kiyaga Rweru hamenyekane, inyuma y’ibikorwa vy’uwo murwi, hakaba hategekanijwe imibonano hagati y’abajejwe intwaro mu Rwanda no muri Tanzaniya, ibihugu bisanzwe bihana urubibe n’ikiyaga Rweru, hamwe n’intara ya Muyinga.


Egide Nduwimana

Messages

  • Nk’iciyumviro Canje N’uko Ivyo Bihugu Bihana Imbibe Niyo Ntara Ya Muyinga Vyogira Mu Maguru Masha Bikumvikana Atari Uko Abanyagihugu Bagiye Kuharwa.

  • Ivyo sagaseseswa rumuri ko Bava murwnda siho bamaze iguhe abantu basemerera ka babuze irengero yantu muturere twurwanda nabo batanguye jenoside kiyabaye 1994 ahubw uburundi bakwiye kubishira imbereyamakungu nayajandiho vyobagarukako nibashaka kubahishirira imibonano bazogira bibaza ko kagame azovyemera? Murabe mask barundi

  • Ivyo sagaseseswa rumuri ko Bava murwnda siho bamaze iguhe abantu basemerera ka babuze irengero yantu muturere twurwanda nabo batanguye jenoside kiyabaye 1994 ahubw uburundi bakwiye kubishira imbereyamakungu nayajandiho vyobagarukako nibashaka kubahishirira imibonano bazogira bibaza ko kagame azovyemera? Murabe mask barundi

  • Nico gituma babanze gufunga Mbonimpa kugira ivyo biziga ntibizopfe bimenyekanye YooooMana ,abo naba Porona ba Nditije ,canke aba Fnl Rwasa atarabo na ba Frodebu Nyakuri ba Minani ariko murabe neza ko atari aba Msd bakuwe mumpimba bakaja kwicwa

  • Rwose ubumwe abarundi mumaze gushyikaho burakomeyeIsi yose irabatangarira, Nkumunyarwanda wubaha uburundi nabasaba komqagira iconudukoreye mukutuvugira mumakungu ko abanyarwanda dushize muzabamukoze ndaziko mushyoboye nubwomudakunze kwiyemera.

  • muraraba neza kwatari zabonerakure banize kugira ntibizomenyekane??ataraho naho ngenda musuzume amabohero ?%%ko bagikwiye ??ndabarahiye ivyobiziga bihuta guhamba ??batabanje kurondeza ababo haba muburundi ncanke murwada bakabafata amafoto ntivyuvikana 40pers ko bifatwa minenegwe ???erega sinyabu zampfuye ???!!!ewe burundi gutwagwa naba bura amosozi

  • Ibi ni abarundi bari kubikora bo karungwa ko amaberege!

  • hemwe abantu baraheze bapfa ataco bazira.bane wacu tureke kwicana atoco dupfa,ntanyungu numutahe bizo vamumaraso,ahobwo turondere iyindi nzila yamajambere atari kunigagura abantu,tukabafungira mutumwanyi.torandere ibi korwavyamajambere bizodufasha,

  • abantubakora ivyo bamenye imanakoibaho ireba birambabaje

  • ABANTU BOOOSE BARAZINANYE NOEN ABO BAPFUYE KO AHO BOVA HOSE BOMENYEKANA UBWO LETA YOVUGA NGO NTIBAMENYE ?NTA SONI ///ABADASHAKA KUVA KU BUTEGETSI NUKO BAKORA NO KWIYAHURA BAZOBIKORA BAMWE BATATU TUZI ..NKU,BU,NSHI

  • mbega bana ba mama barundi benewacu komwigira impunyi,ubwontimubona karibenewacu batavugwarumweniyintwaro itejeze ubusubiranyuma ninzara,namosoziyamisiyose,barimumabohero bagakugwayobazagukeregwa nkinka zapasika.ubigire wibukako umunyu umazekurigata katariwo ugisigaze.

  • Umwicanyi Kagame aratumaze. Abanyarwanda mwese ni muhaguruketumwivune!!

  • ntamvuridahita abo nabo umusi babuzabo bica baziyicanira bonyene kandi ntanumwe azi uko azokwicwa abo nabo harubwo bokwicwa numuriro udahera buriya imana irabibona ibiriko bibera muriyisi yanduye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.