IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibwirizwa rirwanya ibikorwa vy’iterabwoba mu Burundi rigiye gushirwaho

Ibwirizwa rirwanya ibikorwa vy’iterabwoba mu Burundi rigiye gushirwaho

lundi 2 Munyonyo 2015, par egide

Mw’ijambo yashikirije abarundi kuri uwu wa mbere, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yasavye ubushikiranganji bw’umutekano ko imbere y’uko uku kwezi turimwo kwa Munyonyo kwohera, ibwirizwa rihasha ibikorwa vy’iterabwoba ryoba ryashizweho.

Mu gihe iryo tegeko rizoba ryashizweho imbere y’uko uku kwezi guhera, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yamenyesheje ko inzego z’inama nshingamateka na nkenguzamateka zizoca zirikorerako kugira bifashe gutuza ubwo bugizi bwa nabi n’ubwicanyi.

Abajejwe ubutungane nabo basabwe gucira imanza ikibiriraho abafatanywe ibirwanisho n’abafashwe bari mu mirwi y’inkozi z’ibibi n’abicanyi.

JPEG - 46.9 ko
Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA

Muri iryo jambo ryiwe, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yagarutse ku mashirahamwe, aho yamenyesheje ko hagiye gufatwa ingingo zo guhagarika ibikorwa vy’amashirahamwe itohoza ryerekanye ko afise uruhara mu bwicanyi no gusahura ibirwanisho vy’igihugu, vyajanye n’imigumuko n’igeragezwa ryo gutembagaza ubutegetsi. Ayo mashirahamwe yakozweko iryo tohoza akaba atavuzwe muri iryo jambo ry’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.

Abantu umukuru w’igihugu yagiriza ko ubutungane bwerekanye ko bafise uruhara mu bwicanyi no gusahura ibirwanisho vy’igihugu, basabiwe ko bofatwa bagaciribwa imanza aho bari canke babarungikire ubutungane bw’Uburundi.


IGIHE

Messages

  • KUGIRA PRESIDENT NKA NKURUMBI BIRUTWA NIGIHE CYUBUKORONI. NIYO MBAMVU AYOBORA ABANTU BIBIGORYI NKA FIDELITTE.

  • Komera mutama babwir izontumva. Yamar’amatwiy impene yumva yokeje.

  • Ahufyura amaso nkigikere ayo namaraso yabantu akuboreje wakinyamaraso

  • HISHINGESO.IYO NINYUNGU YAWE KANDI TURABAZI

  • nibakoreibishokakukobeshimubapfabaziraivyotazi.

  • tekana we naband bury amakung ar maso barack obama w sutwo nizind nging ruhash azozfat kimw gusa tubandnye dusengera uburund bury imana irishura!

  • Papa urakoze. Kuko guhendahenda vyarase tubereke kohariho icotuzi natwe abarundi benyewe.

  • Nkubacira imanza zo gupfa niho bohaha kandi bakareka guhonvya igihugu barya ivyagusa mu busho

  • @none?
    @Fidelite
    Abandi batoroka agasho namwe mugatoroka ibitaro? Subirayo mupfireyo nakare ntaruhombo. koba kabaye agahengwe mugihugu.

  • burundi nimusigeho musengerigihugu canyu nta buryarya naho kwicana ntacyo byabagezaho naho abahembera amacakubiri nubwicanyi mumenyeko muzabibazwa.ntimukitwikire igihugu maze mubihindure indirimbo oyaaa nibibi icare mushake solution mwubake aho gusenya.reka kwisamburirako

  • WE PHIRIBERT. Zuritonda Uvuga Ngo Baje Barabica Wewe Ntabwenge Urirofa Usabira Uruphu Mukaso Rugahitana Nyoko. urazi kowosanga bahereye kuriso nanyoko nabenewanyu bakahamba weho uzopha ntawuzomenya iyo waguye uzosangukira mugahinga ikijuju gusa ashwee imbwa yumusega

  • NGO UMUGORE NABANA YA BAHAYE ETHIOPIAN AIRLINE, MAZE ATANGAZA KO UMUNSI WA NYUMA ARI LE 07-11-2015 ABUMVA BUMVE KANDI ISI NTIZOVUGE NGO NTAVYO YAMENYE NKO 1994. ICIZA CA CNDD-FDD NTACO IKORA ITAKIVUZE ARIKO IKIBI CAYO NUKO IKIBI GIKORWA KANDI CAVUZWE, NONE BA MINANI BAVUGA UBWICANYI BUKOMEYE BUSHOBORA NO KUBA NKA GENOCIDE MURI 2013, ABANTU NTIBABISE ABASAZI, NONE UWAVUZE NGO EN POLITIKE ON NE TUE PAS ON ELIMINE KWI RADIYO, NTIYAVUZE IMIGAMBI GUSA JOURNALIST BAVUGANYE AKABA ARIWE AHIGWA! ISI IRABABAJE KUKO NTA JUSTICE,NTA KURI, ABATEMERA iMANA NA CHRIST YIYIZIYE KUBIYEREKA..BAGIYE KWEMERA IBUYE/UMURIRO

  • Mbega ubushikirangaji bw’umutekano Peter yabwiye guhindura itegeko nibo babijejwe yooo yataye umutwe, mbe ndababaze harya mwagiye muri somalia kugwanya alshabab nta tegeko mufise rivyemera, mbega igihe cose mumaze al shabab muyiteze nta tegeko mwari mufise ryo hana awo mwofatira muri ako kabi, nigiyeko iryo tegeko rizoraba na leta iterabwoba ishira kubanyagihugu ngo bemere leta y’ikinyoma, Tangura ahubwo Jenoside, jenoside, genocide, genocide, Human right watch mwumve, UN mwumve, AU mwumve, itegeko rigwanya abanse mandat yakabiri rigiye kujaho.

  • harinaho ryohera kuri wewe hiiiiiiii

  • C’EST TRES IMPORTANT QUE LA POLICE PUISSE ETRE ACCOMPAGNER DES JOURNAISTES ET CAMERA INTERNATIONALES QUI LE VEULENT COMME LE FAIT CNN OU BBC EN IRAK AVEC MEME LES MEDECINS SANS FRONTIERS ,LIGUE DE DROIT DE L’HOMME.
    C’EST LA SEULE FACON DE DIMINUER LA TUERIE DES INONCENTS.
    C’EST UNE BONNE SHOSE QUE LE PRESIDENT DECIDE MAIS C’EST NE PAS UNED GUERRE COMME" RAMBO" ! IL YA AU MILIUE DES ENFANTS ET INNOCENT ET MODERER QU’IL FAUX ABSOLULEMENT PROTEGER.

  • yemwemwe.ubwobugabo,bwikibir nibwemer ndew ama babukone! tibùg
    omb ubusarama

  • MBEGA YEMWE BARUNDI NTANUMWE ATABONEKA KWICAHA RERO KOTWACUMUYE TWESE TURENGANE KUKO NTABERA NUMUSUMA YOHANWA MBERE NABAKORESHA IGIKENYE JEWE NOBANURA BAKEMERA KUGANIRA NAYAHANDI NTAMAHORO AZOZANWA NIGIKENYE YESU ABAHARIRE CANE

  • Hari umuteroriste akuruta ga nkuru?

  • Akamo kiwe karashobora kugorana kwumvirwa nkuko tubisoma ngaha POURQUOI L’APPEL DU PRÉSIDENT BURUNDAIS RISQUE DE NE PAS ÊTRE ENTENDU PAR LES REBELLES QUI ONT DÉCIDÉ D’EN DÉCOUDRE AVEC SON RÉGIME ? http://goo.gl/vxihG9

  • Imishahara yabakozi muburundi ntayihari kuko, muru kukwezi kwa Kigarama, nzero, ruhuhuma, ntwarante nta mafaranga yoguhemba abakozi ahari. Ibitaro nta miti nta gitoro, ibiribwa kumasoko byaduze, imfashanyo za buraya zahagaritswe, abasoda bari muri mission bamaze amezi atandatu badahembwa, kubera Nkurunziza Petero abarundi ubwabo nibamara gusonza bazomuhindukirana ntiyihende ngo biragumya kuba gutyo.

  • Nyakubahwa ugeze mu minsi ya nyuma yo kuyobora u Burundi,uko niko basamba.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.