IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Icegera c’umukuru w’ishirahamwe CREDEJ yahagaritswe

Icegera c’umukuru w’ishirahamwe CREDEJ yahagaritswe

dimanche 9 Myandagaro 2015

Icegera c’umukuru w’ishirahamwe ryishinze gukomeza indero n’iterambere mu Rwaruka CREDEJ Felix Ndacayisaba,yahagaritswe mu gatondo ko kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 9 Myandagaro avuye mu gihugu c’Urwanda.

Amakuru ava ku rubibe rwo ku Ruhwa,amenyesha ko Felix Ndacayisaba yari avuye mu Rwanda yinjiye ari kumwe n’umugenzi wiwe.

Uwo mugenzi wiwe,niwe yaciye abimenyesha abandi bagenzi biwe n’umuryango inyuma yo guhunga ahejeje guca mu myanya y’intoki abafashe Felix Ndayisaba.

Gushika ubu,ntawuzi aho yajanywe,mu gihe asanzwe aba mu gisagara ca Bujumbura.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Uwowe He Aragow Baramuremeka Uruswo Kwizosi Ese Yarahunze Iki Gamana Mureke Mwiyumvire Nibayarahunze Farawo Agafatwa Ningaboziwe Ni F y =fye

  • HAMA NGO MUSHAKA ABAHUNGUKA MUBAMARIRE MU MUNYORORO?NI BIGUMIREYO MAZE.UMVE BARUNDI UMWE YIVUGISHA NGO NTANTAMBARA IZOSUBIRA ZARI INDOTO Y’UMUSAZI.IYIHARI IMEZE NK’IMVURA IKUVYE ATAWUMENYA IYIGWA UKO INGANA.YARAYE ASUBIRIYE GUHANURA IBINYOMA NGO IVYIZA BIRI IMBERE NI VYINSHI NGO UWUZOVYITAMBIKA IMBERE NGO AZOPFA YISHWE N’IMANA.YIVUZE MUTEKEREZE MURABE.

  • About nibo nkozizikibi kuko kurubibe ryu Rwanda haringorane abajejwe umutekano muhakomereze umutejano muyomba wabo Kagame yabasutse mwubumara

  • Muratabariza Uyomwana Yemwe Ntibamuzimanganye N, Uwahora Atabaza Murazi Ko Baheruka Kumwica Imana Igakinga

  • NTIMWOTUBWIRA ICO YAFATIWE.

  • NTIMWOTUBWIRA ICO YAFATIWE.

  • MUBAZE HOSE CANE CANE MWIPEREREZA

  • iyonyenzi nibagakorereko babaze nicokarikaj gukor wosanga karikaj gutera amagerenad kambwirir ti mandayany ntiragera kurogorigihug urinyenz tivyarabananiy ese uwomuhabar weyabacitse gut? ndababay nukubakorerak abo bangush abasi bademokarasi

  • non yob ari mubish adolphe? kumenga uwu mbona ntiyoshobora nuguterura mugobor. ahav apfa nkuko ndizey yapfuy uvuy i buganda

  • Bafate izo nkozi zikibi kuko ziba zivuye mumyitozo ya gisoda mu Rwanda.

  • MUHIRAHIRE HAGIRE ICO ABA. NATWE TUZOMENYA ICO DUKORA. UBU RERO NTA MUNTU AKIJA MU GIHUGU ASHAKA ? NATWE TURINDIRIYE UMWANYA. AHUBWO MUVUGE MUMUZANYE, AHANDI HO, IJISHO KU RINDI, IRYINYO KU RINDI ! IMANA IRIKO IRABAHINYUZA ! NTAKARUTIMANA ! MWA BICANYI MWE !

  • Kaneza Eliane, reka kuvug’Imana uri umunyakabi wigeze wunva ah’ Imana ivuga kwihorera,mbega ko Imana itarahinyuza abicanyi bahereye kwica kuva twikukira abapfuye bangan’iki igihe cayo ntikiragera.
    Aya majambo wanditse uhuye n’uwundi avuga nkawe ubona vyotang’iki uretse kwicana, abantu nkamwe ni mwebwe mugejej’igihugu aho kigeze.
    Nimba utavyirengagiza ubizi ico gihugu cacu cubakiye ku binyoma nkuko Barankitse Maggy abivuga, kandi abicanyi nibo bamye bategeka igihugu ntan’umwe aracibw’urubanza rekeraho rero kurangaho iterabwoba kuko ubu twese turashobora gupfa, ubu urupfu rushikira amoko yose twese rero ducishe make dushake icokiza igihugu cacu pana iterabwoba kuko ubu twese turazi
    kurasa ntabwo bikiri umwihariko wa bamwe kandi twese tuva amaraso atukura
    nta wuva amata nsubire nkwibutse kura rero iterabwoba ngaho.

  • Ihangane uzorekugwa imana isumb’ingabo uyambaze kandi uyizere

  • Ihangane uzorekugwa imana isumb’ingabo uyambaze kandi uyizere

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.