IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu yarishikiye ku kivi

Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu yarishikiye ku kivi

mardi 8 Nzero 2013

Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Gervais Rufyikiri ari kumwe n’umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi yaragendeye kuri uno wambere igenekerezo rya 7 Nzero 2013 iyororero ry’Inka ry’i Mahwa muri komine Ryansoro yo mu ntara ya Gitega n’ububiko bw’imbuto zirobanuye i Kajondi muri komine ya Rutovu mu ntara ya Bururi.

Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gervais Rufyikiri aho yagendera iyororero ry’inka ry’i Mahwa yamenyesheje ko yari yaje kuraba uko inka zaguzwe na reta y’u Burundi ziri muri iryo yororero zimeze.Zimwe muri izo zikaba ziri mu bwoko bwa Frisonne izindi nazo ama Jersey kandi zikaba atari incange.

Izo bari batunze ubwa mbere zari zigoye gukurikirana kuko zari incange. Izo bafise ubu rero zifise igihagararo kinini kandi zikaba zikamwa amata menshi zose hamwe zikaba zingana 140, ariko 32 muri izo bakaba bategekanya kuzijana mw’iyororero ryo mu Rukoko. Iryo yororero ry’i Mahwa n’iryo mu Rukoko ategekanywa kuba amayororero y’akarorero ku borozi bo m’u Burundi bwose.

Muri ayo mayororero rero bakaba bakurikirana cane ibijanye n’infungurwa z’inka,imiti yazo n’ibikenewe vyose kugira inka zikure neza.Ivyo bikaba bizotuma ikigo Isabu gikurikirana ibijanye n’uburimyi n’ubworozi m’u Burundi kizokora ivyirwa bikenewe kuri izo nka bongere batange ivyegeranyo kuko ari ubwoko bushasha bwavuye i buraya hakaba hakenewe ko hakorwa ivyirwa ku bijanye n’ukuntu zibaho n’ukuntu zivurwa.

Bakaba bafise umugambi wo kuzirwiza kandi bongere bazitange mu mitumba.
Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu yaciye agendera ikigo co kurwiza imbuto zirobanuye c’i Kajondi akaba yasavye abarongoye ico kigo ko bokora n’umwete kugira barwize izo mbuto kugirango abanyagihugu bazikeneye bose bashobore kuzironka. Yarashikirije kandi ko yipfuza ko ico kigo kiba ic’ akarorero.


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.