IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > CNC yashikirije icegeranyo c’ivyaranguwe n’ibimenyeshamakuru mu (...)

CNC yashikirije icegeranyo c’ivyaranguwe n’ibimenyeshamakuru mu Burundi

jeudi 25 Mukakaro 2013

Mu ntumbero yo kwerakana ibikorwa vyayo, urwego rw’igihugu rujejwe kugenzura itangazamakuru mu Burundi (CNC), rwashikirije ivyaranguwe n’ibinyamakuru muri aya mezi atandatu arangiye mu mwaka w’i 2013.

Nk’uko vyashikirijwe na Petero Bambasi, umukuru w’urwo rwego, CNC mu gikorwa cayo co kwubahiriza ubwingenge bwo kumenyesha amakuru mukwubahiriza amategeko, ibijanye n’imico myiza no kugenzura ibikorwa vy’itangazamakuru, yamenyesheje y’uko muri rusangi ibinyamakuru vyagenzuwe vyigenjeje neza mugukora nk’abanyamwuga babinonosoye mu mezi atatu ya mbere y’umwaka w’2013.

Igenzuramakuru rikaba ryashimikiye cane ku kungene ibinyamakuru vyakozwe, ivyo bashimikiyeko mu gutororokanya amakuru, ukungene boba barubahirije amategeko agenga ibinyamakuru, ukungene amakuru yavuzwe. Hihwejwe ivyo, abatabikurikije mu buryo busabwa n’amategeko agenga abamenyeshamakuru, baragabishijwe mu buryo bwose bongera barashiraho n’ibihano.

N’ubwo mu mezi atatu ya mbere y’igice ca mbere c’umwaka ibinyamakuru vyagenzuwe neza, amezi atatu akurikira hoho si uko vyagenze, hoho haranzwe n’ubwigenge burengeje bw’ibinyamakuru mu kuvuga ataco bisigarije, na cane cane ko ariho ibikorwa vya CNTB vyatangura gushirwa mu ngiro ku mugaragaro. itorwa ry’itegeko rishasha rigenga abamenyeshamakuru ritakiriwe neza kubo ryega, ivyerekeye isoko nkuru ya Bujumbura yahiye, itabwa muri yompi ry’uwahoze atwara igisagara ca Bujumbura, Evrard Giswaswa, ivyerekeye ukwemera kw’abayoboke ba Zebiya, amatati yabaye mw’ishengero rya Anglicane, n’ibindi.

Vyagaragaye ko ibisata vyashitseko cane ari, ivya politike, ubutungane, ibijanye n’amatati, ubutunzi n’ivyumwuga w’abamenyeshamakuru. Ariko hari ibitagiye birashimikwako nk’ibijanye n’agateka k’abana, ivyo kwinjira mu muryango wo mu bihugu vyo mu buseruko bwa Afrika (EAC) hamwe n’imico kama, aho mbere bakaba baragabishije iradiyo RPA ku kiganiro « Nomukurahe », kuko cari gitanguye kuvuga ibititura imico y’Uburundi.

Petero Bambasi, umukuru wa CNC yamenyesheje ko ku binyamakuru vyingenga, ko vyagaragaye ko bitayeho cane abari mu mashirahamwe yingenga, ntibihutira guha ijambo n’abari mu nzego za Leta. Mu gutanga amakuru naho, bavuga inkuru zidakwiye kuko bavuga bimwe ibindi ntibabivuge.

Mu kugenzura ibinyamakuru, urwego CNC rwamenyesheje, ko rwahuye n’ingorane zimwe zimwe, nko kubura ibikoresho bikwiye kugira bagenzure neza ibinyamakuru no gushira ku murongo ibinyamakuru bikorera ku rubuga ngurukanabumenyi. Ariko, n’aho bahuye n’izo ngorane, Petero Bambasi yashikirije ko bashoboye kurangura imirimo bajejwe nk’uko bitegerezwa.

Urwego rw’igihugu rujejwe kugenzura itangazamakuru mu Burundi rwasavye abamenyeshamakuru kwubahiriza amategeko abagenga, birinde kurwa mu makosa. Ku mirimo yabo naho, basabwe gukorana ubwenge nk’ababinonosoye, guha ijambo bose, kureka kwibanga cane ku bisata bimwe bimwe. Ku binyamakuru, CNC yasavye ko hoza haravuga ibigezweho kandi igihe cose, gukurikiza urutonde rw’ivyo baba barihaye gukoreramwo. Ikibanza naco co kumenyekanisha ibikorwa « publicité » basavye co coba gito bagereranije n’ikibanza kijamwo amakuru.
Ku banyagihugu naho, babasavye kworohereza abamenyeshamakuru mu kubaronsa inkuru ikwiye iyo baraye kuyibaronderako.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.