IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ico abepisikopi b’i Burundi bavuga kwitanga imihoho rya Papa

Ico abepisikopi b’i Burundi bavuga kwitanga imihoho rya Papa

mardi 12 Ruhuhuma 2013

Ngo kubona papa Benedigito wa 16 atanga imihoho ntagitangaza kirimwo kuko amategeko ya Ekleziya katolika iravyemera. Gerevasi Banshimiyubusa yamenyesheje kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 12 Nzero 2013, ko batangajwe n’iyo ngingo kuko batari bavyiteze.

Nk’uko musenyeri Gerevasi Banshimiyubusa arongoye inama nkuru y’abepisikopi b’i Burundi yabishikirije abamenyeshamakuru ba RPA, ngo abakristu bakwiye kubitahura kandi bakavyakirana ukwemera ngo kuko ari uburenganzira ahabwa na Ekereziya.

Aranabasaba kandi kubandanya basabira umupapa wundi azomusubirira.
Iyo ivyo bishitse rero ngo Ekleziya yarategekanije ingene baca bamusubiriza, ngo abakristu ntibasamazwe rero n’iyo ngigo ya papa yo gutanga imihoho ahubwo ngo nimba yarafashe akanya ko kuvyiyumvirako akabaza Imana hanyuma akabona ko arivyo bikwiye, ngo ni ingingo nziza yafashe.

Musenyeri Gerevasi Banshimiyubusa akaba arangiza ashimira papa kuri iyo ngingo.
Gutanga imihoho rero akaba atari irya mbere bishitse muri kahise ka Ekleziya katolika kuko hari uwundi mu Papa yari amaze gutanga imihoho haraheze imyaka itari mike.

Papa Benedigito wa cumi na gatandatu afise imyaka 85 y’amavuka ,akaba yamenyesheje ko yatanze imihoho kuko atagifise amagara yo kubandanya arangura ayo mabanga yo kuyobora ubusho bw’Imana nk’uko bikwiye.

Uyo mu papa akaba avuka mu gihugu c’Ubudagi.


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.