IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Icuka si ciza hagati ya Emery Sun na Sat b

Icuka si ciza hagati ya Emery Sun na Sat b

mardi 20 Nzero 2015

Icuka si ciza hagati y’abaririmvyi babiri bo muri Kany Empire canke Kany City(empire de Kanyosha), Sat b yoba agiye kwitwarirwa na mugenzi we Emery Sun.

Sat B afise igiteramo c’agakura kw’igenekerezo rya 01 Ruhuhuma mu Kanyosha ahitwa Ku mashure bita kwa Makasi. Nk’uko biboneka ku rupapuro ntangaza giteramo, muri ico giteramo haratumiwe abaririmvyi nka Sam Overmix, Ashley, Jockas, umurwi Wanavesi, Pidco Crespo, Emery Sun na Fabilove. Hari amakuru avuga ko umuririmvyi Emery Sun yashizwe kuri urwo rupapuro atabimenyeshejwe.

Amakuru yandikwa n’uwiyita "Showbiz Mumuziki Ndundi Paparrazzi" avuga uku:"Shalom, shalomm twarababwiye Ko uyu mwaka Sat-b Satllight bigiye kumukomerana. Nk’uko aherutse kwerekana kino giteramo kiriko Abastar battari bake, umwe muri bo Emery Sun yamanitswe Kuri ico giteramo atabimenyeshejwe nk’uko ahejeje kubitumenyesha. Ngo si irya mbere SAT-B amumanika mu biteramo atabimumenyesheje. Emery Sun arasaba kobomukurako kandi ngontazohonyoza ikirenge muri ico giteramo.

Uwo yanditse ivyo abandanya avuga ko Emery Sun ariko abaza bakunzi biwe ko yokwitwarira Sat B, hama abakunzi ba Sat B nabo bagire ico bamubwiye.

Dufatiye kuri ivyo vyanditswe n’uwo yiyita "Showbiz Mumuziki Ndundi Paparrazzi", tukaraba n’ibindi vyanditswe kuri Sat B vyoba vyanditswe n’ikinyamakuru gikorera mu Burundi ko Sat b asigaye yigira vyinshi, tubonako uwo muntu ashobora kuba afitaniye ikibazo na Sat B. Ku vya Emery Sun nawe tugiye k’umurondera kugira tumenye ukuri aho kuri.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.