Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Igendereza ry’Ubufaransa ryabonye Ansar Eddine Iyad Ag Ghaly aho (...)
 Igendereza ry’Ubufaransa ryabonye  Ansar Eddine Iyad Ag Ghaly aho yinyegeje
 Igendereza ry’Ubufaransa ryabonye  Ansar Eddine Iyad Ag Ghaly aho yinyegeje
				
				mardi 28 Nzero 2014
Nk’uko bimenyeshwa n’igendereza ryo mu gihugu c’Ubufaransa, Ansar Eddine Iyad Ag Ghaly yinyegeje mu Bumanuko bw’igihugu ca Algerie.
Igendereza ry’ico gihugu c’Ubufaransa, rikavuga ko rikoresheje ubuhinga bwaryo, iryo gendereza ryabonye ko Ansar Eddine Iyad Ag Ghaly ari mu Bumanuko bwa Algerie. Ansar Eddine Iyad Ag Ghaly ari mu murwi w’abajihadiste bariko bararondezwa urushinge. Ico gihugu ca Algerie rero kikaba cinyegejemwo n’abandi baronderwa na sentare zitandukanye harimwo ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Reta zunzubumwe z’Amerika, hamwe n’ubutungane bwa Mali. Aha bikavurwa ko hari n’iyindi ntagondwa yoba ariyo irongoye Ansar Eddine yoba nawe nyene amaze igihe muri Algerie ahitwa i Tinzaouten.
Ansar Eddine Iyad Ag Ghaly akaba yoba yinyegeje muri ako gace k’Ubumanuko bw’igihugu ca Algerie ari kumwe n’abamwe mu muryango wiwe, bamwe mu bamuyoboka n’abandi bamucungereye umutekano. Igihugu c’Ubufaransa kikaba kinegura ingendo y’igihugu ca Algerie yo gushigikira iyo ntagondwa, ndetse abategetsi ba Algerie bakagirizwa kuba bamye bamushigikira muri bimwe mu bikorwa vyiwe.
Aristide Nizigire
