IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Akahise > 12 Mukakaro

12 Mukakaro

vendredi 12 Mukakaro 2013

Igenekerezo rya 12 Mukakaro ni umunsi ugira 193 w’umwaka w’2013. Hasigaye iminsi 172 kugira umwaka w’2013 urangire.

Ibikuru bikuru vyaranze kw’igenekerezo nk’iri

1543
: Henri w’8, umwami w’Ubwongereza yubakana na Catherine Parr.

1691: Hatorwa umu papa mushasha, aca afata izina rya Innocent wa 12.

1902: Abagore baronka uburenganzira bwo gutora mu gihugu ca Autraliya.

Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nk’iri

101, imbere y’ivuka rya J-C: Jules César, uwabaye umwami wa Rome.

1854: George Eastman, umuhinga muvyo amahinguriro w’umunyamerika.

1870: Louis wa 2, samurarwa w’ingoma ya Monaco.

1937: Lionel Jospin, umunyapolitike w’umufaransa.

1973: Christian Vieri, umukinyi w’umupira w’amaguru w’Umutariyano.

Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nk’iri

1733: Anne-Thérèse de Marguenat de Courcelles, umugore w’umwanditsi
w’umufaransa.

1997: François Furet, umuhinga muri kahise w’umufaransa. Yabaye umwe
w’icitwa Académie française, urwego rushinze kuryohora ururimi
rw’igifaransa.

Ibihimbazwa

.Kiribati : Umunsi mukuru w’igihugu.

. Mexique : Umunsi wahariwe abashingwamanza.

. Sao Tomé-et-Principe : Umunsi mukuru w’igihugu.


Luc-Noel Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.