IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Igihugu c’u Bufaransa cafashije u Burundi muvya gisirikare

Igihugu c’u Bufaransa cafashije u Burundi muvya gisirikare

jeudi 17 Nzero 2013

Igisirikare c’u Burundi cinjiye kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 17 nzero 2013 ishure ry’imyuga ryaco riri ku Muzinda mu ntara ya Bubanza. Inyuma yaho igihugu c’ubufaransa gisanuriye inyubakwa kikanongereza ibikoresho vyiryo shure mu mwaka wa 2005 ushira uwa 2006, muri uyu mwaka urangiye carahaye uburyo iryo shure bwo gushiraho uruganda rwo gusudira, bwongera burasanura ama machine yo kubaza imbaho.

Ibirori vyo kugurura ibikorwa bikaba vyatewe iteka na Genrari major Silas Ntirwurirwa, Jean Lamy, aserukira ubufaransa mu Burundi hamwe n’umushikiranganji Severino Buzingo, ajejwe inyigisho mu mashure mato mato, ayisumbuye, ayo imyuga no kwigisha gusoma n’ukwandika.

Mu masezerano yo gufashanya bateye ko igikumu Silas Ntirwurirwa na Jean Lamy, ubufaransa bwiyemeje kuzoguma ruteza imbere iryo shure mubijanye n’ubuhinga bwa none. Kuva uyu mwaka wa 2013, bugiye gufasha kugurura igisata kijanye nivyo gukwirikirana ibikoresho vya informatique hamwe no guteza imbere ibisata vyari bimaze kujaho mu ntumbero yo kurwiza ubushobozi bwo kwa kira abasoda benshi baza kwiga imyuka itandukanye gushika mu 2015.

Izo mfashanyo zose zerekeye iryo shure ryo ku Muzinda zikaba ziyongera no kuzindi nyinshi igihugu c’ubufaransa cama cahaye uburundi. Hariho k’umwaka nk’abasoda bashika 40 bama barungitswe n’u Bufaransa gukarisha ubwenge mu bihugu vya Afiirika canke mu mashure y’igisoda yo mu Bufaransa.

Hariho n’imfashanyo u Bufaransa buheruka guha ishure rikuru rya gisirikare ISCAM. Mbere u Bufaransa bukaba bufasha no kwigisha abasoda b’u Burundi imbere y’uko baja muri Somaliya.


René Dieudonné Kamaro

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.