IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Igipolisi kiriho kugira cubahirize ishirwa mu ngiro ry’amategeko

Igipolisi kiriho kugira cubahirize ishirwa mu ngiro ry’amategeko

mercredi 20 Ruhuhuma 2013

Icegera c’umuvugizi w’igipolisi yaremesheje ikiganiro ku bamenyeshamakuru inyuma y’umuhingamo yo kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 20 Ruhuhuma 2013,intumbero kwari gutanga umuco ku bijanye n’imyiyerekano y’abamenyeshamakurun yabaye kuri uno wa kabiri,urudandazwa rubera mu mabarabara,umutekano ku bituro hamwe n’abunguruza abantu ku mapikipiki.

Ikibazo cagarutsweko kenshi n’abamenyeshamakuru cari ikijanye n’uburyo bwakoreshejwe kuri uyu wa kabiri mu kwirukana abamenyeshamakuru aho bagomba kugirira urugendo rwo gusaba irekurwa rya Hassan Ruvakuki.

Kuri ico kibazo umuvugizi w’igipolisi OPN1 Pierre Nkurikiye yamenyesheje ko abapolisi bakoze igikorwa bari batumwe kandi ko bagikoze baciye mu mategeko kuko bariko babuza urugendo rutarekuwe n’amategeko.Ku bijanye no kumenya igituma abapolisi bakoresheje ivyuka vyokera umuvugizi w’igipolisi yamenyesheje ko aribwo buryo bwategerezwa gukoreshwa muri ico gihe.

Mu gihe abamenyeshamakuru bari bagize urwo rugendo ku ncuro ya kane akaba ariho abapolisi babirukana,umuvugizi w’igipolisi yamenyesheje ko bari barindiriye kuraba ko bibwiriza kugira urugendo rwemewe n’amategeko ariko ko batabikoze nico gituma igipolisi nk’urwego rujejwe kwubahiriza amategeko rwababujije kugira urwo rugendo.

Abamenyeshamakuru bamubajije kandi ibijanye n’ikibazo c’abadandariza mu mabarabara aca yishura ko ivyo bategerezwa kubibuza kuko ibibanza bidandarizwamwo bizwi,ko rero mu gihe kudandariza mw’ibarabara bitemewe ari igikorwa c’igipolisi gushira ibintu mu buryo.

Ku bijanye n’abunguruza abantu ku mapikipiki biboneka ko bamwe basigaye bashika hagati mu gisagara,umuvugizi yavuze ko ipikipiki yose ifashwe yarenze amategeko ifatwa,ku kibazo cuko hoba hari izidafatwa kubera ari iza bamwe mu bategetsi yamenyesheje ko iyiciye hirya y’amategeko yose ifatwa kuko ifashwe batabaza nyeneyo.

Mu gihe ibituro vy’imiduga yunguruza abantu ibajana mu ma quartier yahinduye ibituro umutekano nawo ugaca uba ikibazo,umuvugizi w’igipolisi yamenyesheje ko igipolisi kiriho kugira gicungere umutekano rero ko abanyagihugu batogira ikibazo.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.