IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Igipolisi n’igisirikare vyifurije umukuru w’igihugu umwaka mwiza (...)

Igipolisi n’igisirikare vyifurije umukuru w’igihugu umwaka mwiza w’2013

mercredi 19 Kigarama 2012

Imigwi y’abitwaje ibirwanisho irenga 40 niyo yasambuwe, inkoho 143 amasasu arenga 48 000 n’ama grenade menshi arafatwa muri uno mwaka. Ivyo vyashikirijwe n’abashikiranganji babiri uwujejwe umutekano n’uwujejwe igisirikare mugihe bariko bifuriza umwaka mwiza w’2013 umukuru w’igihugu.

Muri iyo mirwi harimwo imirwi y’abarwanyi ngo yateye mu ntara za Bubanza cibitoke na cankuzo ,iyindi mirwi ngo niy ‘abasuma bitwaje ibirwanisho.
Muri ivyo birori vyabereye mu ntara ya Gitega abo bashikiranganji bagarutse ahanini kuvyaranguwe n’ubushikiranganji barongoye muri uno mwaka, kiretse iyo mirwi inkoho 143, amasasu arenga ibihumbi 48, ama gerenade arenga 800 hamwe , amabombe 23 n’impuzu za gisirikare n’igipolisi vyarafashwe n’izo nzego zibiri igipolisi n’igisirikare.

Ikindi cakozwe n’ubwo bushikiranganji n’ituzwa ry’ibiyayura mutwe rwaba urumogi canke inzoga zitarekuwe n’amategeko. Ariko ngo vyose ntivyera de kuko abapolisi 96 bapfunzwe kubera ivyaha bitandukanye.

Mw’ijambo ryiwe umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yabanje gusaba agacerere abaraho ngo bibuke abaguye ku rugamba, yaciye ashimira abajejwe umutekano ku ruhara bagize mu bikorwa vy’iterambere mu kubaka amashuri matomato ,amavuriro hamwe n’ibiro vy’amakomine . Prezida Petero Nkurunziza yarangije amenyesha ko hagiye gushigwaho umurwi wo gutohoza ukuri no kunywanisha abarundi aca asaba inzego z’umutekano kwama zirangwa n’inyifato ibereye


Raymond Nzimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.