IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Igiporisi c’Uburundi cavuze bimwe mu birwanisho bimaze gufatwa

Igiporisi c’Uburundi cavuze bimwe mu birwanisho bimaze gufatwa

mardi 23 Ruheshi 2015

Kuva mu mpera z’ukwezi kwa Ndamukiza imyiyerekano itanguye, mu giporisi bavuga ko bamaze gufata bimwe mu birwanisho mu bice bitandandukanye vy’igihugu.

Muri ivyo vyafashwe n’aho vyafatiwe, Godefroid Bizimana, icegera c’umuyobozi mukuru w’igiporisi avuga ko inkoho zibiri zafatiwe mu karere k’Ubuseruko, inkoho zitatu mu karere ko Hagati, imwe mu Buraruko, inkoho zitatu nazo zikaba zafatiwe muri komine ya Ngagara na Mutakura. Muri Reta y’Uburundi naho, bavuga ko ibirwanisho birenga ibihumbi ijana arivyo bimaze gukurwa mu banyagihugu, kuva umugambi w’igihugu ujejwe gukura ibirwanisho mu banyagihugu babitunze batabifitiye uruhusha utanguye.

Godefroid Bizimana kandi, akaba yaboneyeho n’ukumenyesha ihagarikwa rya OPP1 Jean Pacifique Bizabishaka yafatiwe mu kibira ca Nyungwe, aho yamenyesheje ko yariko aja gusanga abandi mu myimenyerezo ya gisirikare.


Alain Kubwimana

Messages

  • Iyo mwimenyerezo yagisirikare ko atasobanuye aho iri kubera nico igambiriye?

  • burya akokarwikagize reta kabonako abanyagihuguturibijuju.bamwengo ntakiroberikiriho,abandingodufashe opc1 agiyemukiroberi,mwabagabonimuduhamaro.

  • EMWE AKATARAZA KARIMUNYUMA PITA ADASOKOYE INGABO ZOSE ZIRAMUHERAKO NONE IZONGABO ZIGENDA NTIWUMVA ARIZASESEREJWE NIYINTWAROMBI YIWE NIBAWATSE KUWUZIMYA BIZOBAGORA IZONKOHO NAZO SIVYO NTAZAFASHWE KIMWE PITA NABAZUMUTIMA WIWE ATAWAHANUJE ATANGAMAHORO ASOKOR IBARA RITARAGWA NGO RVMWUZURIREKO

  • None ko bavuga ngo hamaze gufatwa ibigwanisho birenga ibihumbi n’ibihumbagiza,inkoho zitatu nizo bavuga ngo igikorwa kigeze kure?Noneho baratanguye kubabeshuza abanyabinyoma nibemere amakungu aze abisake bareke kuguma bahakana ngo ntawundi murwi ukenewe. Nivyo usanga aribo babizanyeho hama ngo twafashe ibirwanisho inzira niyayindi murabesha.

  • Mbega gelase kwarikirofa avuga nkinkunguri iri vide ngo ntamyimenyerezo yigisoda ihari uwundo ngoyarahambij bagenzi biw barimumyimerezo mwomva aba dd atari ibiwerewere ga mana.

  • Mbesha Jean, ibihangange vyabasoda vyagahunze vyomu Rwanda ubona imyaka iheze inganiki? Uragenda abandibakinjira mbere bakamabiteze kowokwihenda ngubatere kugirabakwereke kobagusubiriye koko.

  • Kugira Ikiroberi Nikimwe Kugishobora Nikindi Abasirikare Kugenda Nibisanzwe Nagaciyubwenge Yaragiye Ibigwarudubi Ntibizohera

  • Imyitoza ya gisoda iriko irabera kwa Rusoferi akaba n’umutware wa bene rupfu (Rukarabankaba Paul Kagome) alias Gafuni

  • Barundi Murivyose Twihangane Uwiteka Ariho!

  • Uyu wiyita Sindumuja ni intagondwa ikomoka mu Rwanda ituye mungagara. Ese abarundi mwakwirukanye izo ngegera ko ziri kubateramo grenades. Ni ukugira vuba mukazisubiza iwazo hano mu Rwanda zigasangira nabene se bo muri M23 kurya impungura. Nimukererwa zizabagandagura kuko shebuja wazo Gafuni (Kagame) akeneye amaraso y’abarundi nkuko Nyabingi ze zimutegeka.

  • None ko mwahora muhakana ngo ntabigwanisho biri mumbonerakure ivyo navyo biva he?murindyadya gusa.Peter uri igipfamatwi

  • Koleta ivugako abahunga bahunga ubwoba ntibibatera isonikuvuga!icogisoda kanyeshamba mukibira niciki? nonentibavyivugiye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.