IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Igiporisi cafashe uwagirizwa ubwicanyi bw’ababikira batatu

Igiporisi cafashe uwagirizwa ubwicanyi bw’ababikira batatu

mardi 9 Nyakanga 2014

Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, Helmenegilde Harimenshi amenyesha ko igiporisi cafashe umuntu yagirizwa ubwicanyi bunyamaswa bwakorewe ababikira batatu b’abatariyano bo kuri paruwasi ya Guido Maria CONFORTI bagandaguwe babanje gufatwa ku nguvu. Uwo yafashwe aravyiyemerera, akaba kandi yafatanywe terefone ngendanwa y’umwe muri abo babikira bagandaguwe.

Jean Claude Butoyi ni umunyagihugu wo muri komine Kamenge ari mu minwe y’inyamiramabi kuva mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri. Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko uwo yafashwe ari uwari yamye aho hagandaguriwe abo babikira, imbere y’uko batorwa ibiziga. Abanyezamu bacungera ico kigo c’ahakorera abo bakira baremeza ko babonye uwo muntu, akaba kandi yafatanwe terefone ngendanwa y’umwe muri abo babikira bagandaguwe. Jean Claude Butoyi yafatiwe muri Mirango ariko agurisha iyo ngendanwa.

JPEG - 33.3 ko
Helmenegilde HARIMENSHI, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi

Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko uwo yafashwe adahakana ivyo yagirizwa, akaba mbere yariko arasigura ingene yishe abo babikira. Helmenegilde Harimenshi yabwiye uruganda rw’ikinyamakuru IGIHE ko amatohoza akibandanya, ariko akabeshuza amakuru yariko aravugwa ko uwo yagirizwa ubwo bwicanyi yafatiwe muri ico kigo nyene, yinyegeje mu gisenge c’inzu (plafond). Helmenegilde Harimenshi, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi amenyesha ko uwo yiyemerera ko yagandaguye ababikira batatu b’abatariyano yafatiwe muri Mirango, komine Kamenge.


Egide Nduwimana

Messages

  • Nibabamuhate igiti.bamugirire torotire ikwiye kugira avuge neza icabimuteye,kwatagihano cogupfa kikihari mu burundi.nibamwice nabi.yaramenje.

  • None ko mutavuga ico babicihye turakeney,inkuru yimvaho.

  • Ndashimiye igipolisi ku butwari gihejeje kwerekana

  • Nimubandanye itohoza abo bamenja bafatwe bose .kuko bambika iceyi igihugu cacu...bandanya itohoza n umwete mwishi

  • Baranyarutsa abaporolisi biburundi nico gituma amatohoza yabo ataho ashika. reka tuzoraba ibizovamwo ico nzi co nukwikekana mu vya politique.

  • Police nitubarize neza icatumye akora ivyo bintu, turayizeye.

  • iryo rempentanya twararihinyuy.tuzokwemera ko atari uwatumwe nareta nimwamugirako itohoza rimeze nkiryo mwakorey MARI KADEGE Canke Nkiryo Bakorera Umu FNL,uyo numuntu Yashizweho Na Leta Kugira Bazimagiz Igikogwa Cimbonerakur,noneho Afungwe Mukwezi Kumwe Azobeyatashe.

  • Turashimiye igipolisi c’uburundi ku bwira cerekanye

  • ubwo bwicanyi namba bwagizwe n’umurundi, ndabona neza ko Imana idakingiye Uburundi tugasubira mu ntambara hosigara uw’Imana yashizeko ikimenyetso pe.

    Havugwa vyinshi reka turindire icatumye babica kuko birasize ubwenge.

  • Musharse kuvugako twocatubwira incuti nabagenzi ko uwishe ababikira bacu ko yashaka iyongendanwa? Ndabasavyemuduhe inkuru yumvikana kukondabona birikobiraza

  • Murabirabira hafi uza kwumva ngo yatumwe numurwi kanaka wa politike,sindababesha abagira baje kumusaga murigumye.

  • ko bafashe uwo muntu kandi bakavuga ko avyemera, nibamubaze icatumye abica bunyamaswa kugira abarundi n’amakungu bamenye inkuru y’imvaho bareke kuvuga ibi na biriya!!!!!

  • Abantu bakora ububisha nkubwo nibo opposition yitezeko bazaza bakayishire ku butegetsi, bagaca bababwira ngo nimwicare bane bamama mutegeke twari tuje kubabohoza. Abahutu wapi kabisa. Je regrete fort. Nimiti tudya canke nibiki?

  • Uwo aguye mu mporero usanga agomba yagirize Sinduhije na Rwasa ko aribo bamutumye!Muzoba mwumva ko ejo batazohamagara abamenyeshamakuru babereka amasezerano y’amigano(montage) yerekana ivyo bamutumye n’ico bashaka!
    Ewe Burundi wamenetsemwo amaraso menshi!

  • ni imbonerakure zamwishe hewe!!! mbega amabi mbega amabi ici ni icimenyetso ko Leta ya Petero inaniwe nikurwe gose

  • navuge n’aband rwarikumw kuko ndibaza ko atabishe abanj kubaviola bos ari wenyen!!! knd abivug hakiri kare batarahunga. courage mes chers policiens!

  • Politique quand tu nous tiens!!! tout est devenu aujourd’hui politique. Nos Burundais sont tous politiciens, nos appréhensions sont devenues politiques. Nos idées n’y échappent pas encore moins nos commentaires...Où va le Burundi? Au lieu d’attendre les conclusions des enquêtes de la police (des conclusions que certaines d’entre nous semblent connaître àpriori), nous n’avons que les imbonerakure, les Rwasa et autres foutus commentaires sur nos lèvres et nos plumes...Ce que je dis ici ne signifie pas du tout que l’une ou l’autre conclusion ne peut s’avérer authentique. Mais apprenons àfaire confiance en nos enquêteurs et évitons de condamner les gens avant les procès! Si c’est une affaire des IMBONERAKURE on le saura bien et on en dira quoi. Si c’est un enfoiré, on saura toujours quoi dire ... Le Burundi ne doit pas continuer àévoluer dans cette situation où tout le monde crois détenir la bonne info, si oui nous n’allons nulle part...Attendons et voyons...quand on aura tout vu et compris on tirera les bonnes conclusions...*

    Du reste je suis profondement attristé par le meurtre de ces innocentes au service des démunis et autres pauvres...C’est un crime qui dépasse tout entendement et qui mérite condamnation et châtiment àla hauteur de l’acte posé. Certains Burundais sont devenus des bêtes sauvages, euuhhh non, parceque les bêtes tuent pour manger et non pour tuer...

    J’espère que, comme le gouvernement l’a promis dans son communiqué, un exemple sera donné pour décourager tout autre criminel qui serait animé d’un esprit aussi diabolique...
    Que Dieu accueille ces âmes au paradi...

  • nibareke kuduhenda nibabe bavugisha ukuri,kk ntanumwe atazi ikinyoma caba DD;ico nikinyoma kirigusa,ababigize barabazi ikibabaje nuko patiri yemeye kunyomeka kugutinya gupfa;nibatwereke les vrias assassins.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.