IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Igiporisi cerekanye abantu bahora bavuga ko bakorana n’urwego (...)

Igiporisi cerekanye abantu bahora bavuga ko bakorana n’urwego rw’igendereza

mardi 14 Ruheshi 2016, par Egide NDUWIMANA

Igiporisi c’Uburundi cerekanye abantu bagirizwa ko bahora basaba amafaranga imiryango y’abantu baba bafashwe, bakemerera iyo miryango ko bazoyifasha kurekuza abo bantu. Abo bari mu minwe y’igiporisi biyemerera ko bazi inzira bahora bacamwo kugira barekuze abantu bafashwe n’igendereza ry’Uburundi.

Abo barekanwe n’igiporisi ni Habonimana Nestor hamwe na Innocent Bucumi, umuvugizi w’igiporisi akavuga ko bafashwe mu gihe bari mu Kajaga, bagiye kwakira amafaranga y’umuntu yashaka kurekuza uwiwe apfunzwe. Umugore yari gutanga ayo mafaranga yaciye ahamagara inzego z’umutekano, mu gihe uwo munsi yari gutanga igice kigira kabiri c’amafaranga yari yasabwe.

JPEG - 31 ko
Habonimana Nestor hamwe na Innocent Bucumi

Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko abo bantu ari abapfungakiwani, kuko bamaze kwakira ayo mafaranga baca bazimya terefone ngendanwa zabo, amaso akaba abaye ayo.

OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi ahanura abanyagihugu kwitura inzego z’umutekano mu gihe babuze irengero ry’umuntu wabo, birinde ababahenda ko babahaye amafaranga bazobafasha kwerekana hamwe n’ukurekuza uwo muntu.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.