IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Igisagara ca Bujumbura kirabandanya gusharizwa

Igisagara ca Bujumbura kirabandanya gusharizwa

mardi 26 Ruhuhuma 2013

Ibarabara ryitiiwe uwambere Mumyonyo ririko rirasharizwa. Baraca ibiti, bakahatera amashurwe. Ico gikorwa kiriko kirangurwa henshi mu gisagara ca Bujumbura mu ntumbero yo kugishariza.

Uciye kur’iryo barabara, urabona ko hariho ibiti biriko biracibwa ibindi babikokora amashami ngo ibarabara rirushirizeho gusa neza. Aho rero ni kwibarabara riva kuma nsangazira, aho bita kuri Novotel harabana n’ishirahamwe Leo kugeza kuyandi masanganzira aho bita kuri Chanic (uja mu Gatumba).

S’uguca ibiti gusa, baca basubiriza ivyo bahaciye n’ibindi bakuye mu matuta. Hambavu y’ivyo, baratera amashurwe bahejeje kuhakorera, mukuhakura n’ivyatsi bimeze nabi. Ibiti vy’amatara birahura umuyagankuba ku zuba bisigaye biboneka neza mbere bikanabonesha neza ibarabara ata mashami aza arazibira umuco w’ayo matara. Ibiti bishaje vyahora bigwa mwibarabara bikanaba intandaro y’amasanganya menshi biriko birasubirizwa n’ibindi bikiri bito. Vyongeye, ayo mabarabara asigaye arimwo isuku kuko ariho abakozi baguma bahakorera, bahakura n’imicafu. Ivyo bikorwa vy’isuku bije kwongereza ivy’amashirahamwe y’abakenyezi akoreshwa na meri ya Bujumbura aza aritanga mukugirira isuku ayo mabarabara.

Iryo suku riraboneka no kw’ibarabara bita Boulevard du Peuple Murundi riva kwi hoteri Water Front (Novotel ya kera) rikagarukira aho rihurira n’ibarabara ryo kuwa 28 Munyonyo, iruhande ya kaminuza y’Uburundi.


Nduwayezu Irénée

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.