IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Igisirikare c’Uburundi cemera ko abasirikare b’intwazangabo batorotse bagera (...)

Igisirikare c’Uburundi cemera ko abasirikare b’intwazangabo batorotse bagera kuri 11

vendredi 19 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi aremeza amakuru avuga ko hari intwazangabo z’Uburundi zatorotse igisirikare c’Uburundi, ariko akabeshuza abavuga ko abatoroka ari ari abahoze mu gisirikare ca kera gusa.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa gatatu, Gaspard BARATUZA, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi, yatanze igitigiri c’abasirikare b’intwazangabo cumi n’umwe batorotse.

JPEG - 20.9 ko
Colonel Gaspard BARATUZA, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi

Abo batorotse, nk’uko vyashikirijwe na Colonel Gaspard BARATUZA, ni intwazangabo zitanu zahora ziga mw’ishure Kaminuza ry’igisirikare c’Uburundi, intwazangabo zine zari zihejeje ivyigwa mw’ishure rya gisirikare ryo muri Ethiopie, hamwe n’intwazangabo zibiri zahora ziga kw’ishure rya gisirikare ryo mu Bubirigi. Ku bivugwa ko hatoroka abahora mu gisirikare ca kera gusa, Colonel Gaspard BARATUZA yasiguye ko bitagira ishingiro kubera nk’abo batorotse bava muri Kaminuza y’igisirikare c’Uburundi binjiye ico girikare kimaze guvangwa, hatakivugwa abakera hamwe n’abahoze mu mirwi irwana.

Muri abo bavuye mu gisirikare c’Uburundi, harimwo na Colonel Adolphe MANIRAKIZA yahoze ari umuvugizi w’inteko za MINUSCA zarungitswe kugarukana amahoro muri Centrafrique. Uwuvugira igisirikare c’Uburundi yasiguye ariko ko Colonel Adolphe MANIRAKIZA adashirwa mu batorotse igisirikare c’Uburundi, kuko yanditse ikete ry’uko atanze imihoho.

Colonel Gaspard BARATUZA amenyesha ko abavuga ko bahunze kubera umutekano wabo, bahenzwe n’abanyeporitike. Ku bwiwe, umusirikare ntiyari akwiye gutinya ibivugwa ku mbuga ngurukanabumenyi.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.