IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > We n’ibikorwa vyiwe > Igitabo k’ubudahangarwa bw’abakuru b’amareta cavuzweko amajambo (...)

Igitabo k’ubudahangarwa bw’abakuru b’amareta cavuzweko amajambo menshi

samedi 9 Nzero 2016

Ubusomero bw’ibitabo bw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bwatangaje bubicishije mu butumwa buto ku rubuga rwa Twitter ko igitabo kivuga ku bijanye n’ubudahangarwa ku bakuru b’ibihugu arico carondewe cane n’abakoresha iryo somero.

Ico gitabo citwa Immunity of Heads of States and State officials for international Crimes canditswe na Ramona Pedretti wo muri kaminuza ya Lucerne mu ntumbero yo kuronka urupapuro rw’umutsindo ku rwego rwa Doctorat mu bijanye n’amategeko.

Ubwo butumwa bwatumye havugwa amajambo menshi kuri ico gitabo,ariko mu nyuma ishirahamwe mpuzamakungu ONU rica rimenyesha ko atari igitabo cakunzwe cane ariko ko ari igitabo gishasha casomwe cane.

Muri ico gitabo canditswe mu rurimi rw’icongereza, Ramona Pedretti asigura uko abakuru b’amareta bagirizwa gukora ivyaha vyo mu ntambara boshobora kuronka ubudahangarwa.

Naho rero ibihugu ibihugu vyasomye ico gitabo bitavugwa, mu ntumbero yo kugabanya amajambo yakivuzweko ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryavuze ko ari igitabo gishasha casomwe cane atari igitabo cakunzwe cane.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryavuze ko igitabo casomwe cane ibitabo vyose vyo mu bisata bitandukanye bifatiwe hamwe ari igitabo «Je suis Malala »,kivuga kuri kahise ry’umwigeme akiri muto ava mu gihugu ca Pakistan yatewe n’abatariba.

Malala Yousafzai,niwe yaronse agashimwe kitiriwe Nobel k’amahoro ku bijanye n’uburenganzira bw’inyigisho.


IGIHE

Messages

  • ico gitabo kije kugwiza ivyaha kwisi kuko abategetsi bama leta bocitwaza mugkora ibibi.nkakarorero ,kubutegetsi bw ibujumbura bwica ukuraho ha sinzi.

  • @ ndugwe

    Ico womenya coco nuko ubutegetsi bwubu butica kurusha ubwa Micombero, Bagaza na Buyoya,(Micombero génocide1972),( Bagaza génocide intellectuel), (Buyoya Ntega et Marangara, urupfu rwa Ndadaye. Wagonvye kubanza kwiyamiriza ivyo vyose mbere yo kuvuga ubutegetsi bwubu.

  • ubudahangagwa na yezu ntiyabuhawe,none abakuru b,ama reta bo babwiha nkande????Naho kw,isi mworonka ubudahangagwa,Imana yo mucamanza wanyuma izobahangara.iyaba abakuru b,ama reta badapfa aho ca va twokwemera ko bafise ubudahangagwa.None udahangagwa n,abantu,n,urupfu ntiruguhangara????Isi iraba shuka!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.