IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ihadabu y’amafaranga 5000 izorihwa nutatanze intererano yokubaka (...)

Ihadabu y’amafaranga 5000 izorihwa nutatanze intererano yokubaka amabarabara

jeudi 7 Ntwarante 2013

Ihadabu y’amafaranga 5 000 y’amarundi niyo izotangwa n’abatashoboye gutanga intererano yo gufasha kwubaka amabarabara bakoresheje amabuye ku gihe.Iyo ntererano yavuye ku mafaranga 30000 ishika ku mafaranga 35000 kuva mu kwezi kwa Nzero 2013.

Nk’uko umukuru wa quartier Twinyoni yo muri komine ya Kamenge Oscar Ntirandekura yabibwiye bagenzi bacu bo muri ppbdi,amabarabara y’ibivu yahora yononekara uko umunsi uheze ubu ameze neza,guca mu mabarabara biroroshe mu gihe mu minsi iheze vyari bigoye,iyindi ngorane ngo ni uko iyo imvura iguye amazi yaca aja mu bibanza vyibatswemwo amazu bigatuma asiduka,iciyongereyeko,ibibanza biri hafi y’amabarabara yakozwe ubu birafise agaciro gusumba uko vyari ubwa mbere.

JPEG - 10.3 ko

Ku bijanye no kwegeranya amafaranga yo gufasha gukingira ayo mabarabara,Oscar Ntirandekura yavuze ko ico gikorwa kiriko kigenda neza kuko ku miliyoni 60 zitegekanijwe,imiliyoni 46 zamaze kuboneka.

Oscar Ntirandekura yamenyesheje ko ikomine ya Kamenge iza imbere ugereranije n’ayandi makomine,nayo ihadabu y’amafaranga 5000 ku batarishe ku gihe,ngo si igihano, ariko ni akaryo ko kubavunira urugohe.

JPEG - 13.1 ko

Kubwo uwo mukuru wa quartier Twinyoni,ngo mu gihe abafasha muri uwo mugambi batanga ibice 98 kw’ijana vy’amafaranga akenewe mu kwubaka ayo mabarabara,ibice 2 kw ‘ijana sivyo vyobura mu banyagihugu.

Oscar Ntirandekura ntakekeranya ko ayo mafaranga azotangwa kuko ukeneye urupapuro ku bategetsi ururonswa urishe ayo mafaranga.

JPEG - 7.7 ko

Ku bijanye n’ingorane bahura nazo muri uwo mugambi,Ntirandekura yamenyesheje ko zitabuze kuko hari abanyagihugu bikinga agahumbezi iyo imvura iguye bagata imyanda mu miserege yubatse neza.

Oscar Ntirandekura yarangije amenyesha abanyagihugu bo mu Kamenge ko kubungabunga ayo mabarabara ari igikorwa cabo.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.