Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Ihiganwa rya Primusic aho rigeze n’ibitegekanijwe
 Ihiganwa rya Primusic aho rigeze n’ibitegekanijwe
 Ihiganwa rya Primusic aho rigeze n’ibitegekanijwe
				
				mercredi 28 Myandagaro 2013
Brarudi yatanze ikiganiro kuba menyeshamakuru ku vyerekeye ihiganwa rya Primusic. Bamenyesheje aho iryo higanwa rigeze n’uko ibice vy’ihiganwa bisigaye bitunganijwe. Kakaba kabaye n’akaryo ko kumenyesha umuhinga, Denise Gordon, ariko atanga inyigisho ku baririmvyi basigaye mw’ihiganwa rya Primusic.
Ico kiganiro catanguye herekanwa icese umuhinga, Denise Gordon, yaje kumenyereza abasigaye mw’ihiganwa ubuhinga bwo kuririmba. Abajejwe bamanyeshejwe ko batumyeko uwo muhinga muntumbero yo gutegura amajwi y’abaririmvyi. Ndetse abagize bakwe ryo gushika mu bice vya nyuma baronke ivyirwa bizobagiria akamaro muri kazoza.
Hashikirijwa n’abongerejwe muri wa murwi utanga amanota. Abo nabo akaba ari umuririmvyi Steven Sogo hamwe n’umuhinyanyuzi Amir Pro. Herekana kandi abaririmvyi 12 bageze mu gice ca kabiri gishira ica nyuma. Hejuru y’ivyo hamenyeshejwe neza ibijanye no gutora umuririmvyi yo umuntu ashaka hakoresheje imihora ya terefone.
Ku bijanye naho ibikorwa vy’ihiganwa bigeze abamenyeshamakuru basiguriweko ubu aba 12 bariko babandanya imyimenyerezo n’abacuraranzi aho kuri uyu wa gatandatu bazohiganirwa kuja mu gice ca nyuma k’iri higanwa hakazoba ari mu giteramo kizobera mu ntara ya Gitega.
Hamenyeshejwe kandi uburyo bwo gutora abaririmvyi hakoreshejwe imihora ya terefone ya Leo,Econet na Tempo Africel. Umuririmvyi wese yahawe inomero abamushigikiye bazomutora bakoresheje. Ugundi buryo bwo gutora bukaba ari ubwo guca kurubuga ngurukanabumenyi rwa Primusic : www.Primusic.bi. Kuri urwo rubuga umuntu akaba yemerewe gutora rimwe gice c’ihiganwa mugihe hakoreshejwe iterefone, umuntu arekuriwe gutora incuro 5 gusa ku munsi hakoreshejwe ikarata sim imwe. Amanota yabakunzi akazoharurwa kuri 50 kw’100 nyo ayo umurwi utanga amanota ku 50 kw’100.
Mwomenyako igiteramo c’irushanywa mu gice ca 2 gishira ica nyuma c’ihiganwa rya Primusic kizoba kuri uyu wa gatandatu uza mu gisagara ca Gitega. Abaririmvyi bazohiganwa bakaba ari 12.
Joel Sengurebe
