IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Ihiganwa rya Top Ten Awards rizoha agashimwe urwaruka rwagize ico (...)

Ihiganwa rya Top Ten Awards rizoha agashimwe urwaruka rwagize ico rwimariye

mardi 8 Mukakaro 2014

Abaririmvyi, abahinyanyuzi, ururirimbo rwa mbere rwiza rw’umwaka, eka n’ibindi bitari bike bizohabwa udushimwe mu birori vya Top Ten Tube Awards y’umwaka w’2014. Intumbero y’iryo higanwa ni guhuza abanyamwuga bo mu Burundi n’abo bo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko.

Nk’uko vyama bigenda, Insamirizi Bonesha FM iratanga ubushimwe ku mwaka ku mwaka ku baririmvyi, indirimbo, abahinyanyuzi, ururirimbo rwa mbere mu ndirimbo mpimbazamana, eka n’abandi bo mu mirwi itandukanye harimwo ndangakaranga. Ubwo bushimwe buhabwa abashoboye gutorwa mu biganiro Top Ten Tube n’ikiganiro Akiwacu bica kuri iyo nsamirizi.

Umumenyeshamakuru Davy Carmel ari mu bategura iryo higanwa, amenyesha ko intumbero nyamukuru y’iryo higanwa ari guhuza Abarundi bava mu mihingo itandukanye y’igihugu ku kintu kimwe c’ukuri nk’umuziki, eka n’ibindi vyorosha imitima y’abanyagihugu bahora mu ntambara kandi bimirije igihe kidasanzwe c’amatora.

Abandanya avuga ko agashimwe URUMURI Awards gahabwa urwaruka rwabereye akarorero abandi kuvyo azoba yakoze. Ako gafasha gushira ahabona no gutera intege urwaruka rufise ico rwimariye n’ico rwamariye akarere ruhereyemwo. Mu bushimwe buzotangwa, harimwo akazohabwa ururirimbo rwa mbere ndangakaranga mu gusubiza agaciro akaranga k’Uburundi. URUMURI Awards gaheruka kuronswa Francine Niyonsaba, umunonotsi aserukira kenshi Uburundi mu mahiganwa mpuzamakungu.

Ibirori vya Top Ten Music Awards bizotangura kw’igenekerezo rya 10 Mukakaro ku kibuga citiwe Parquet, bikazorangira kw’igenekerezo rya 14 Mukakaro ari naho ubushimwe buzotangwa ku mirwi 13 yatowe muri iryo higanwa.

Kugira hajemwo umuco mw’itora, Davy Carmel atubwira ko bashizemwo umuririmvyi umwe, abamenyeshamakuru bo ku zindi nsamirizi, abumviriza cane ibiganiro babiri, n’abahinyanyuzi.


Cherif nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.