IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Congo : Ihuriro ry’abasenyeri basaba Joseph Kabila kutitoza ikiringo ca (...)

Congo : Ihuriro ry’abasenyeri basaba Joseph Kabila kutitoza ikiringo ca gatatu

mercredi 2 Mukakaro 2014

Ihuriro ry’abasenyeri gatorika ryo mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, basavye umukuru w’ico gihugu kutirirwa aritoza ikiringo ca gatatu, kugira yubahirize intwaro rusangi.

Mu rwandiko ihuriro ry’abo basenyeri bashize ahabona, bakaba basaba umukuru w’igihugu cabo ko yokwubahiriza ibwirizwa nshingiro, maze mu mwaka w’2016 agakura meza, akabisira abandi bagashobora kwitoza. Ikibazo rero co kubisira uwundi agatwara muri ico gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, kikaba arico kiguma kivugwa mu mabarabara ya Kinshasa. Bamwe bakibaza namba Joseph Kabira azemera kugenda canke namba atazohava ?

Abatari bake muri ico gihugu rero bakavuga ko batigeze bumva uyo mutegetsi no mw’ijambo ryiwe aho bibuka imyaka 54 bikukiye avuga ko atazitoza. Uko gushaka kubicishako uruho rw’amazi, kukaba ariko kwatumye abasenyeri bamusaba kutitoza, ndetse baca bahamagarira abanyagihugu bose kuziyamiriza ikiringo ca gatatu ca Joseph Kabila hamwe yovuga ko ashaka kuzitoza.


Aristide Nizigire

Messages

  • ABASENYERI B4I bURUNDI NABO NIBATERE AKAMO ABARUNDI KANDI BANDIKIRE KIZIGENZA NTAHIRAHIRE NGO YITOZE

  • wanka kuvaho neza ukavaho nabi, nta mu president wo muri africa agenda neza nibake cane bazi ubwenge bigira hakiri kare. mugabo li probleme nuko bahava bajanye abantu benshi jewe nibaza ko botegera democratie icarico urabona muri europe canke etats-unis umu president yanka kuvaho ikiringo ciwe caheze biratwengeje biri muri africa numubindi bihugu corruption yatsinze itako hasi .

  • Abasenyeri bo mu Burundi ntacobobwira umukuru w’igihugu ahubwo bovugako hohindurwa iribwirizwashingiro kukomumaze kwumvako umukuruwigihugu cu Burundi yivugirako atariwe azokwitanga ngoyitoze azotangwa numugabwewiwe avamwo akongera akavugako atarikonabonyene bategerezwa kwubahiriza ibwirizwa shingiro ryi Burundi, murumva uko ibintubimeze gabavukanyi mwiyise ba’ BWABO na ROSA KAMIKAZI??????????????????????????? Zamurasoma ibwirizwashingiro ryi Burundi kugira bibafashe kwirinda kuzamuragendera kubujambo bwinjavyi.

  • WEWE WIYITA MAMA JEWE NIBAZA KO WOSABA AKAZI NEZA NAYO IVYO USHIGIKIRA NTA BIRIHO, UGIRA NGO NTIBIZOTEBA BIKABONEKA JEWE NIBAZA KO NIWABA UFISE UBWENGE NUMUTIMA NUMA.

  • Mbega yemwe, iwacu nta huriro ry´abasenyeri ryoba rihaba? Niryaba rihaba naho, ryoba rizi kuvugisha ukuri no kudatinya kukuvuga?
    Reke turindire ngirango rizoteba ryikubite agashi!

  • Nababwiye musome ibwirizwashingiro ryi Burundi kugira mumenye neza, hanyuma jewe mundeke. Kumbuzakuvuga bizobagora kukomfisevyishi nifuza kubafashisha, kandivyondimwondavuga imitimayanyu ejohazoza izobibibutsa ibabwirati haruho uwotwigeze kubwira ngwanume atinone ivyoyavuze nivyobiriko biraba, cankendata; mwonumishabikabakundira muzonumisha nabavugishwa na mpemu w’Imana?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.