IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ikarata ndangamuntu yahahora igiye gusubirizwa na nshasha yo mu buhinga bwa (...)

Ikarata ndangamuntu yahahora igiye gusubirizwa na nshasha yo mu buhinga bwa none

jeudi 15 Myandagaro 2013

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yabimenyesheje kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 14 Myandagaro, aho yariko aragendera ububiko bw’ibikoresho bizofasha mu gukora izo ndangamuntu nshasha.

Ikarata ndangamuntu niyo ituma umuntu bamumenya, ikindi naco kandi iratanga n’amakuru amwe amwe yerekeye umuntu yaba aho ava, abavyeyi. Ku karata karangamuntu yahahora, kugira bamenye umuntu, n’uko baraba ifoto, iyo nayo ikaba idakwiye kugir umuntu amenyekane.

Iyo rero umuntu abonetse kuri iyo foto asa n’uwo nyene karangamuntu, kenshi baca biyumvira ngo ivyanditsweko nivyo ariko ni ukwihenda cane kuko hari igihe aba atarivyo. Iyindi ngorane, n’uko umuntu atama asa n’ifoto yiwe, aho rero uwujejwe umutekano canke uwujejwe intwaro ategerezwa kugira umwihwezo mwinshi cane. Iyo karangamuntu yari ifatiye kw’ifoto ntimeze neza muri make, nk’uko umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yabimenyesheje.

Ikarata ndangamuntu nshasha rero ituma umuntu aronka amakuru menshi kuri mweneyo. Ikindi naco, iyo karata izotuma umuntu ahindurirwa ivyanditseko ariko bitabaye ngombwa ko bahindura ikarata nk‘uko iyihasanzwe vyahora bigenda.

Ariko rero, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Edouard Nduwimana yamenyesheje ko iyo karata ndangamuntu nshasha izogurwa amafranga menshi agereranije n’iyahahora, ni ukuvuga amafranga agera ku bihumbi bitanu na bitandatu y’amarundi.

Twokwibutsa ko ibihugu bisanzwe biri navyo mu karere ka Afrika y’ubuseruko nka Kenya, Uganda n’Urwanda bisanzwe bikoresha iyo karata ndangamuntu ikozwe mu buhinga bwa none kandi bakaba bategura ko iyo karata izotangura gukoreshwa nk‘urupapuro rw’inzira mu ruja n’uruza hagati y’ivyo bihugu bitatu.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.