IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ukwezi kwose ata makuru ku kinyamakuru IWACU

Ukwezi kwose ata makuru ku kinyamakuru IWACU

vendredi 31 Rusama 2013

Inyuma y’ihagarikwa ry’ikibanza abasomyi b’ikinyamakiru Iwacu bahora bacako mu gushikiriza ivyiyumviro vyabo mu kiringo c’ukwezi kwose, abaserukira ico kinyamakuru bagize ico babivugako.

Abaserukira ico kinyamakuru bavuze ko intumbero y’ikinyamakuru yari iyo kumenyesha inkuru abasomyi baco hama nabo bakagira ico bavuze ku makuru baba basomye, ari naco gituma aho kwemera guhagarika ico kibanza c’abasomyi basanzwe bashikiririzako ivyiyumviro vyabo bahisemwo guhagarika nabo nyene gutanga amakuru yose muri ico kiringo nyene ni ukuvuga gushika ku genekerezo rya mbere Mukakaro.

JPEG - 46.2 ko
Abarongoye inama nkuru y’ikinyamakuru IWACU

Nk’uko tubikura mu rwandiko rwateweko umukono n’umukuru w’urwego CNC, Pierre Bambasi, ico gihano kikaba cafatiwe ikibanza abasomyi bahora bandikamwo ivyiyumviro, bakaba bazomara imisi mirongo itatu batemeje iciyumviro kija ku muhora ngurukanabumenyi w’ikinyamakuru IWACU, hisunzwe ibwirizwa nshingiro ry’igihugu n’itegeko nimero 1 /025 ryo kuwa 27 Munyonyo 2003 rigenga itangazamakuru mu Burundi.

Urwego CNC rukaba rwagiriza ikinyamakuru IWACU kuba ivyiyumviro bitandukanye vyanditswe kuri ico kinyamakuru kw’igenekerezo rya 28 na 29 Rusama 2013 vyahonyanze amategeko y’ingingo ya 10 na 50 agenga itangazamakuru. Ivyo vyiyumviro vyanditswe bigatyoza umukuru w’igihugu c’Uburundi, no kudurumbanya umutekano w’abanyagihugu.

JPEG - 56.9 ko
Abitabivye inama muri maison de la presse
JPEG - 47.2 ko
Alexandre Niyungeko arongoye UBJ: vyadutangaje kuri iyo ngingo ya CNC

Urwo rwandiko rukaba kandi runegura ko ivyiyumviro vyanditswe kuri ico kinyamakuru nyene, kw’igenekerezo rya 27 Rusama 2013 bityoza inzego z’igihugu bikanarenga akarimbi ku mategeko y’itangazamakuru. Cabaye kirahagarikwa ku kiringo c’iminsi 30 gushika umurwi w’igihugu ugenzura itangazamakuru utange uruhusha rwo gusubira gukora.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.