IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ikiziga ca Jacques BIHOZAGARA cashitse mu Rwanda

Ikiziga ca Jacques BIHOZAGARA cashitse mu Rwanda

mercredi 6 Ndamukiza 2016, par egide

Ikiziga ca Jacques Bihozagara yahoze ari umushikiranganji mu Rwanda ajejwe gutahukana impunzi, aba n’uwuserukira Urwanda mu Bubirigi hamwe no mu Bufaransa, cashikanwe mu gihugu c’Urwanda, mu minwe y’umuryango wiwe.

Umuryango wiwe wakiriye ico kiziga ku kibuga c’indege ca Kanombe, kikaba cazanwe n’indege ya RwandAir yashitse ku kibuga c’indege ca Kanombe isaha cumi na zibiri z’umugoroba wo kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 5 Ndamukiza 2016.

JPEG - 45.5 ko
Abakozi ba RwandAir bururutsa mu ndege ikiziga ca Jacques Bihozagara

Umuryango wa Jacques Bihozagara ukaba wasavye Reta y’Urwanda ibipimo vy’isuzuma ry’ikiziga ciwe (autopsie), kugira icamwishe kimenyekane. Reta y’Urwanda yasabwe kandi gukora amatohoza mpuzamakungu kuri urwo rupfu.

JPEG - 51.7 ko
Umunyamabanga Mukuru w’umugambwe FPR uri ku butegetsi mu Rwanda, Francois Ngarambe, ni umwe mu baje kwakira ikiziga ca Jacques Bihozagara

Jacques Bihozagara yafashwe kw’igenekerezo rya 4 Kigarama 2015, yagirizwa ko ari mu Burundi nk’umusumyi w’urusaku, akorera igendereza ry’Urwanda.

JPEG - 81.8 ko
Umupfasoni wa Jacques Bihozagara, Jeanna Bihozagara hamwe n’umwana wabo Bonita Isaro bitegereza ikiziga ciwe, aho cashikanwa ku Kibuga c’indege ca Kanombe.

Yabanje gupfungirwa mw’igendereza ry’Uburundi, mu nyuma atwarwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba, aho yapfiriye mu buryo bwatangaje abo bari bapfunganwe, ku munsi wa gatatu w’indwi iheze.


IGIHE

Messages

  • ntakundi nimwihangane ariko mureke kuguma murungika bameneko mubamwabuze ico mukora hiyo mugwanda?

  • Yatahukanye impunzi nawe baramutahukanye nkuko abo yatahukanye bataguwe amarembe nawe bimuguy nabi ikibi kirakurikirana nagende abazwe ibicumuro yacumuye abihanirwe ntimumburize iciyunviro canje ndabasabye

  • Banyarwanda mwabonye ivyanyu!Ntimuze musubire kugorana,kuko mwaraseko amatohoza abera iburundi,nukuvuga ivyomuzemvanta ntawuzovyemera,musanzwe mwigenza ariko mwihinguje muzotwandurakBanyarwanda mwabonye ivyanyu!Ntimuze musubire kugorana,kuko mwaraseko amatohoza abera iburundi,nukuvuga ivyomuzemvanta ntawuzovyemera,musanzwe mwigenza ariko mwihinguje muzotwandurako.

  • Turasavye reta y’urwanda Ngo ikore amatohoza yimbitse kugirango twebwe abarundi nabanyarwanda tumenye icishe uwo mutama kuko jewe ndemeza Ko reta yuburundi ifise uruhara murupfu rwiwe

  • Intwaro Ya Nkurunziza Ntagutwenga,abapfa Baracapfa

  • Hasigaye shebuja wiwe Kagame ngo aje kwishura imbere y’Imana ivyo yakoze muri
    iyimyaka 22. Ntanumwe azorusimba bose ni mu kuzimu.

  • wowe wiyita karorero nuko utazi ivyo uyu mutama yakoze ntiwakaba uvuga utyo we yagiye kubacyura abakura i buvumo nyuma yuko bari bamaze kumara imbaga yabatutsi mu rwanda ndetse harimo nimiryango ye arangije abagororera kubacyura i wabo mumutekano numudendezo none nuko uvuze. hari umugani kera najyaga numva baca mukinyarwanda bavuga ngo umuhutu umuvura ijisho bwacya akarigukanurira. iconzi mwokwanga abatutsi mwabakunda bazahora bari on top/mental level. kdi bazabategeka a jamais. nkurumbi ari muri stolen transition which is almost on End

  • Ndahojeje Umuryangowanyakwigndera Mwihangane Uburundibwarabayenabi

  • Imana Imwakire Mu bayo

  • UBURUNDI,nabicanyigusa!natweturahagorewe,abacubaramaze.mwihangane!harumus’uwiteka vyose azobimara.umuryangowewihanganenikobimeze.

  • Ni Mureke Kuvuga Ayamuhe. Umuntu Imisi Yiwe Yakwiye Arahwera Ntagisivya Ahubwo Namba Hariho Ivyuma Biraba Imisi Y’umuntu Ko Yar Yakwiye Nibabikoreshe

  • Uko nikwitwenga akogapfakazi ntiyagasize kubera ubusambanyi bwako none Ngo amatohoza abanyarwanda mwaramenyereye gukamisha ibiziga pe ahonaho mudasabye Ko batopfobya genocide yakorewe Bisaganya nimurabe iyo mukijugunya nayo ivyamatohoza mubibaze uwamurungits kubintasi iburundi nuko ikikinyamakuru gihengamye mutanshirirako ikiciyunviro muri kumwe nabasindumuja.

  • Imana Imwakire. Hagati Yabayobozi B’abarundi N’urwanda Imana N’iyo Izoca Urubanza Niyo Itihenda Imana Idufashe.

  • BACA UMUGANI MU KINYARWANDA NGO UMUHUTU UMUVURA IJISHO BWACYA AKARIGUKANURIRA. Muri bantamunozwa gusa, si indi umuvugizi wa leta ariko nibaza ko ntacyo Leta yu Rwanda yavugana nizi njiji zaba DD, ni abahigi gusa. Ubu koko bavugana nande mubyukuri muri iriya Team ya Nkurunziza, uziko ushakamo umuntu umwe gusa wincabwenge en meme temps windero ikamubura . Bose nimihirimbiri kabisa

  • Nibamukureko agahanga bajekugashira aharubundi ntibamenyereye gukamisha ubuhanga

  • Nkunda abahutu kubera complexe d’inferiorite devant les tutsi bahora bifuza ko batabaho, haba i burundi baba i Rwanda.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.