IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Imanza za poritike ziri mu butungane zirakwiye gucibwa imbere (...)

Imanza za poritike ziri mu butungane zirakwiye gucibwa imbere y’amatora

vendredi 23 Nzero 2015

Reta y’Uburundi irakwiye gukora amatohoza yigenga kandi ataho yegamiye kugira akagwi k’abagwanyi bateye mu ntara ya Cibitoke bamenyekane mu ntumbero yo kuzitira kugira ntihaduke icuka kibi hagati y’abanyepolitike muri kino gihe Uburundi buriko butegura amatora.

Mu nama yo mu gatondo ko kuri uwu wa gatanu 23 Nzero 2015, yahuje Umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, Laurent Kavakure, Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Edouard Nduwimana n’abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi, bayaze ku bibazo bitandukanye na cane cane ivy’umutekano n’ivyubutungane muri kino gihe Uburundi buriko bwitegurira amatora.

Uwuserukira ishirahamwe ry’ibihugu vya buraya mu Burundi, Patrick Spirlet yamenyesheje ko baganiriye ku kibazo c’umutekano na cane cane ku gitero giherutse kuba mu Ntara ya Cibitoke, aho abategetsi b’Uburundi ata n’umwe aramenyesha izina ry’urya mugwi w’abagwanyi. Patrick Spirlet agasaba Reta y’Uburundi gukora amatohoza ataho yegamiye kugira hamenyekana abakoze kirya gitero, ivyo bikazofasha ko hataba icuka kibi hagati y’abanyeporitike muri kino gihe gikomeye cane ku gihugu aho Uburundi busigaje amezi make kugira hatangure amatora.

Muri iyo nama baganiriye kandi ku vyerekeye ama dosiye ari mu butungane, aho tukavuga iy’urwaruka rwo mu mugambwe MSD rupfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba, idosiye y’uwahoze ari icegera c’Umukuru w’igihugu, Ferederico Bamvuginyumvira aherutse guciribwa igihano co gupfungwa imyaka itanu, ariko akaba yarunguruje urubanza. Bagarutse no ku kibazo gihari ubu, c’ipfungwa ry’umuyobozi wa RPA, Bob Rugurika.

Kuri ayo madosiye yose, ishirahamwe ry’ibihugu bigize ubumwe bwa buraya bwasavye ubutungane bw’Uburundi ko bwokora uko bushoboye kwose kugira izo manza ziri mu butungane zireke guteba, ahubwo zikogwe hisunze amategeko kandi bishobotse imbere y’amatora. Laurent Kavakure, Umushikiranganji w’imigenderanira y’Uburundi n’ayandi makungu akaba yijeje abo baserukira ibihugu vyabo mu Burundi ko imanza ziri mu butungane zifise uko zikogwa ko batogira amakenga, ko izo manza zizocibwa.

Laurent Kavakure akaba yamenyesheje ko muri iyo nama ikibazo c’ipfungwa rya Bob Rugurika bagitevyeko cane, kuko yagirizwa n’ubutungane ivyaha bikomeye.


Alida SABITEKA

Messages

  • IVYAHA BIKOMEYE?IVYAHE?KUVUGA UKURI?

  • Nambubonabidakomeye abandibo turabonako bikomeye, iryishirahamwe ryi Bulaya rivuzenezango abfife imanza bozicaningoga ngobizhobotse mbereyamatora, nayozanjavyizacuzo wumvazivugango turasavye mubarekure atanakimwe gisabwe! Sha uwobaha ubutegetsi barabonekanako batokwemerako ubutungane bwigengango bukore akazimabwo!.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.