Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Imiduga mishasha mu mwaka wa 2013
 Imiduga mishasha  mu mwaka wa 2013
 Imiduga mishasha  mu mwaka wa 2013
				
				mercredi 26 Kigarama 2012
Mu gihe umwaka wa 2012 ugiye kurangira,mu mashirahamwe ahingura imiduga ntiyagurishije ku rugero rushimishije ivyo bigatuma bazorondera abakozi bangana n’incuro zibiri.Uno mwaka wa 2013 bakaba baduteguriye imiduga mishasha itari mike.
Umwaka wa 2012 ntiwabaye mwiza ku mashirahamwe akora kandi akadandaza imiduga kuko imiduga yadandajwe atari myinshi nkuko bavyipfuza. Ivyo rero bikaba vyatumye bashira mu kazi abakozi bashasha bangana incuro zibiri kubo bahorana ibizotuma bahingura imiduga myinshi kandi myiza izoja ahabona muri uno mwaka uza wa 2013.
Ayo mashirahamwe rero akaba ari Peugeot na Renault aho bariko bakora imodoka yitwa Renault captur,iyindi ni Ferrari izoshira ahabona imodoka yo mu bwoko bwa F70 bikaba bizobera I Geneve, Mercedes nayo izoshira ahabona imodoka yo mu bwoko bwa Mercedes CLA,iyo ikaba isumba gatoya iyahahora. Ishirahamwe Peugeot naryo inyuma yaho rishiriye ahabona imodoka zibiri, rizoshira ahabona imodoka yo mu bwoko bwa Peugeot 2008.
 
- Mclaren-P1
Ayandi mashirahamwe akaba ari Porsche izoshira ahabona Porsche Macan,Citroën izoshira ahabona Citroën C4 Picasso,BMW,Nissan,Mclaren.
 
- Peugeot-2008
Uretse rero mu gisata c’amahinguriro atandukanye, no mu bindi bisata, mu ntango z’umwaka, barashize ahabona ivyo bateguye muri uno umwaka uba ugiye kuza.
 
- Ferrari-F70
.
 
- Mercedes-CLA
Mugisha Van Naris




Messages
10 Ndamukiza 2016, 08:00, par nduwimana thadee
jewe ndibazako igituma izo modoka zidasohoka ningoga ni uko twasanze zikosoma cane ugasanga nkatwebwe tuba ngaha muri africa ziratugora cane canke ugasanga amapiyese yazo arazimvye nico kibazo dufise nka(mercedes benz,BMW,VW,NISSAN,VOXY,.......)
10 Ndamukiza 2016, 08:06, par nduwimana thadee
jewe ndibazako mwoba muzizimbako kandi beshi bazitinyirako zikosoma