IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Imigambi yo guteza imbere ubworozi igiye gushirwa imbere

Imigambi yo guteza imbere ubworozi igiye gushirwa imbere

lundi 17 Ruheshi 2013

Inama idasanzwe ihurikiyemwo abakora mu gisata c’ubworozi yuguruwe icese kuri uyu musi wa mbere igenekerezo rya 17 ruheshi 2013 , mu nyubakwa za la Detente. Gukora imigambi y’iterambere hamwe no gushira hamwe imitahe kugira bateze imbere uguhiganwa muri ico gisata c’ubworozi mu Burundi ikaba ariyo ntumbero nyamukuru.

Ivyo bikorwa bikaba vyuguruwe icese n’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, Gervais Rufyikiri hamwe n’umushikiranganji ajejwe igisata c’uburimyi n’ubworozi, umupfasoni Odette Kayitesi.

Umushikiranganji Odette amenyesha iyo nama ifise intumbero yo kurabira hamwe ingorane ziri muri ico gisata c’ubworozi kugira bazirondere inyishu. Mu ntumbero yo gushira mu ngiro wa mugambi wo kurwanya ubukene ugira kabiri CSLP 2, n’igisata c’uburimyi n’ubworozi nticasigaye inyuma. Ubu rero ni akaryo ko kuja hamwe kugira bashire mu ngiro imigambi yo guteza imbere ubworozi.

Igisata c’uburimyi n’ubworozi kikaba cinjiza ibice 23 kw’ijana vy’uburyo bwinjira muri Leta, ariko bikaba bikiri bike cane. Harakenewe kurwiza na 2 canke na 3 kuko impinga iracari ndende. Asaba abikorera utwabo bakora mu gisata c’ubworozi yaba aborozi, abadandaza b’imiti y’ibitungwa na Leta gukorera hamwe bose. Akamo ku banyagihugu ni uko bokwororera mu mpongore kuko ari ngirakamaro bakareka kuyerereza ibitungwa ku misozi kuko ica mbere ubwo bworozi nta karusho bugira, buronona isi ndimwa, ibidukikije, bugateranya n’ababanyi iyo izo ntungwa zonye mu mirima y’ababanyi.

Iyo nama izomara imisi itanu kuva kuwa 17 gushika kuwa 21 Ruheshi ikaba yari yitabwe n’abanyecubahiro batandukanye, umushikiranganji w’ubudandaji n’amahinguriro, Victoire Ndikumana, uw’inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi Butore Yozefu, abahurikiye mu mashirahamwe ateza imbere ivy’uburimyi n’ubworozi FIDA n’abandi begwa nico gisata.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.