IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Imigambwe itatu n’urunani COPA niyo yatanze intonde z’abashingamateka mu (...)

Imigambwe itatu n’urunani COPA niyo yatanze intonde z’abashingamateka mu gihugu cose

vendredi 17 Ndamukiza 2015, par IGIHE

Imigambwe itatu n’urunani rumwe nibo bashoboye gutanga intonde z’abazokwitoza kuba abashingamateka mu matora yimirije, mu ntara zose z’igihugu. Abatashoboye gukwiza intonde bakaba basaba umurwi CENI ko wobongera akaryo ko gushobora kubikora.

JPEG - 45.2 ko
Petero Karaveri Ndayicariye arongoye umurwi CENI

Mu gihe , kuri uno wa kane ariho harangira ico kiringo co gutanga intonde z’abifuza kwitoza mu matora y’abashingamateka, mu nama yahuje umurwi CENI n’abegwa n’amatora yo kuri uno wa gatanu, mu murwi CENI bamenyesha ko imigambwe itatu FRODEBU Nyakuri ,CNDD-FDD, UPRONA hamwe n’urunani COPA, aribo bashoboye gutanga intonde mu ntara zose z’igihugu. Umugambwe MSD watanze intonde mu ntara 16, MRC Rurenzangemero mu ntara 17, FNL mu ntara 8, umugambwe Palipe Agakiza yatanze intonde mu ntara imwe gusa. Ku ruhande rw’inani nazo, COPA rwatanze intonde mu ntara zose z’igihugu ADC ikibiri mu ntara 14, Urunani RANAC mu ntara 12 kuri 18 zigize Uburundi. Ku ruhande rw’abigenga ,naho Mizero y’abarundi, bashoboye gutanga intonde mu ntara 16, muri BDR mu ntara imwe, hamwe na Isidore Rufyikiri yashoboye gutanga intonde mu ntara imwe gusa.

Zimwe mu ngorane iyo abo batashoboye gutanga intonde mu ntara bashikirije, n’uko hari ibipapuro bimwe vyabagoye kuronka. Ari naco gituma basavye umurwi CENI kubongera akaryo ko gushobora gukwiza izo ntonde mu gihugu cose. Ariko mu murwi CENI bo bakabona ko bari kuvyitwararika bakabikora ku gihe.


Floxella Karire

Messages

  • ABANDI MUBAREKE BAJYE MWIBARABARA MWE MUKORE GUSA, EJO TUZOREBA UMWIMBU WABURI UMWUMWE. CENI COURAGE!!

  • Gutanga urutonde ni kimwe, gutorwa kikaba ikindi! Mugabo ntawushobora gutorwa atitoje!

  • Ko UPRONA ya Concilia mutayivuga? Bitoje muri CNDD-FDD?

  • Izo désordres nuko benshi gushika ubu bibazako ata matora azoba bakirigwa mu bitagira akamaro bari bafise chance kuba mu gihugu kirimwo démocracie,aho bazosubira kuba nko muri 2010 bazognde bahisha ibimaramare ngo babimye igihe co gutunganya ivyari bikenewe ngo nico gituma batsinzwe,benshi aho ni akajagali ,ikibazo dufise aho i burundi nta opposition ihari yo guhangana na cnddfdd nico gituma benshi binyegeza inyuma ya 3è mandat ngo babuze amatora aho kwassuma ko babonako badashobora gutsinda

  • Donc pour Jeremie, Onesime, Leonidas, Radjabu, Manasse, Ndindi, Nyangoma, Sinduhije, c,est la galere pour encore 5 ans? Tres peu probable. La transition reclamee par Nyangoma parait inevitable avec ou sans la candidature de Peter.

  • Ntibitwaze Umwanya CENI Nibongere Bahezebahiganwemubandintibazobatekurugungwe.Ntibahavebayipfubirangoyarahengamye.Murakozo.

  • @lead
    tu as raison,Peter n’urwitwazo kandi ndagutere inkuru,barara barasenga Imana na kiranga kugira peter avugeko yitoza kuko aho boba baronse transition ,ikindi cnddfdd baraziko batageza kuwutsinda bizeyeko bazoca bawusambura ariko aho babukaranga twari munsi y’urujo!

  • @Vuganeza
    Ni ubwa mbere mbonye wandika ibintu bishobora kuba bifise sens et je t’ encourage àcontinuer sur cette lancée.
    Abansi ba Peter ari bo batitaye no ku neza ya CNDD/FDD bipfuza ko yovuga ati nzitoza kuko hoca haba akajagari ku buryo n’ uwo mugambwe woca ufutwa. Amakungu yose ntiyemera ko Peter yokwitoza ubugira gatatu. Icoba cose coba ari ikosa ryiwe.
    Ibikurikira ntawobimenya. Gusa La Haye yo yoba ironse abandi baclients. Dusabe Imana kugira ashire ubwenge ku gihe yiyumvire ineza yiwe, umuryango wiwe n’ umugambwe wiwe ace avuga ati: " je ne serai pas candidat"

  • @vuganeza,
    Nkuko maze kuvyandika kenshi, jewe ndi mubipfuza ko Nkurunziza yokwitoza kugira duhangane imbere y,ubutungane. Malheureusement, ntazokwitoza. Ikibazo nyamukuru ubu ni CENI. Ariko kwiba amatora ubu bizohava bigorana, niyaba azoba. Nta cizere na kimwe mbona ko azoba.

  • Turakeneye Ko Nkurunziza yitoza kugira ababivugisha ngobarafise ivyobazokora canke ngobakacabaronka amagaburanyama tubamaramaze twebwe twariywmeje Ko vyase bikunzeko abarundi bateferezwa kubamumahoro ntangere, kubivugakumunwarero ndibaza kohariho abagira ngonukubeaha, nicogituma iyotwunvise abavuga Ko kwitoza kwa Nkurunziza ngohazocahaba akarambaraye bidufasha kwumva bicabidutera kwiyumvamwocane kubariwenyene tuzocadushiraho kugira uzicubinwanya wokwemeza abarundi namakunguko twiyemejeko ntantamba izosubira, Mukurikiraneza ivyontibisigurako abazoshaka kuyitabguza batazobikora, oya bazobikora ariko nibotuzokwerekanirako Ko ivyotwavuze arukuri, umvandababwire twebwe turagabirije yaba abazoza mwishusho yabarundi yaba abazoza mwishusho yabanyamahanga ntagihindukaninkangakurya vyagenze Cibitoke, waca Cibitoke, canke ugaca impandezose zinezigize igihugu, ekacanke ugaserukira hagatimigihugu turiteguye bimwebitosheje mbese tubirindiranye igishika igisinda kiriteguye, igi porisi hagatimigihugu kiritwguye, abanyagihugu nabo duhagazeneza mugukora ibizobabikenewevyose nacanecane mugufatabamuda amokoyose yabarundi kuko murakahise harabaye amakosha akomeye ahohabayeho abantubeshibahohotewe uburero no no no no nuwobonekanako arimunkwezi yibibi azobihanirwa kugatwe kiwe ntabwo bizojwitwa uvyumuryangowiwe wise.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.