IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Imigambwe isabwa gushira mu myitwarariko yayo ivyerekeye igitsina

Imigambwe isabwa gushira mu myitwarariko yayo ivyerekeye igitsina

jeudi 31 Nzero 2013

Kuva italiki 29 gushika 30 nzero ONU-femmes yarateguye uruganda rwo kwigisha ivyerekeye igitsina abarongoye imigambwe mu ntara ya Gitega. Urwo ruganda rwateguwe inyuma y’inyigisho zo gukarihiriza ubwenge imigambwe yari yitavye amatora y’amakomine mu mwaka w’2010. Izo nyigisho zari zabereye i Gitega mu kwezi kw’icumi umwaka w’ 2012.

ONU-femmes mu mugambi wayo wo gutwara neza, uburongozi, gusangira ikivi ifise intumbero yo gukomeza ububasha bw’imigambwe mu vyerekeye igitsina.nk’uko vyavuzwe na Clemence Bununagi ajejwe umugambi w’ibitsina, intwaro, ubuyobozi no gusangira ikivi muri ONU-FEMMES.

Izo nyigisho z’iminsi itanu zateguriwe imigambwe 20 yitavye amatora y’amakomine yabaye mu mwaka w’2010, yamenyesheje kandi ko ico gikorwa kiriko gikorwa mu ntumbero yo gukurikiza ivyavuye mu nyigisho zabereye i Gitega aho abanyamigambwe bariko barashiraho ubuhinga bwo gukurikirana abakarihirijwe ubwenge mu nyigisho zabereye i Gitega.

Umupfasoni Bununagi amenyesha ko ubwo buhinga butuma imigambwe yumvikana ku nteguro y’ivyokorwa mu kwitaho ibijanye n’igitsina, iyo nayo ikaba igizwe n’ibintu basanze ari nyamukuru kandi vyihutirwa botangurirako.

Ivyo rero ni ukugira imigambwe ishire mu nteguro zayo ivyerekeye igitsina yavuze kandi ko hirya y’ivyo bintu nyamukuru umugambwe wose ushobora gutegura ibindi bijanye n’uwo mugambi ikabikora yongeye muri ico gikorwa co gukurikirana.

Abari bitavyeurwo ruganda bararonse ibikoresho bibafasha kwipima ko ivyerekeye igitsina babifata nkama. Mu ncamake n’aho umugambwe wose gushira mu ngiro ivyo wize.


Sylvere Bavumiragiye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.