IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amasezerano y’imfashanyo z’igihugu c’Ubushinwa yateweko umukono

Amasezerano y’imfashanyo z’igihugu c’Ubushinwa yateweko umukono

mardi 17 Nyakanga 2013

Imfashanyo igera ku miriyoni 22 z’amadorari y’abanyamerika hamwe n’ingurane izotangwa n’ibanki EXIM niyo yahawe igihugu c’Uburundi mu ntumbero yo kwubaka urugomero rw’umuyagankuba ku ruzi Ruzibazi, hamwe n’ikirimba c’umukuru w’igihugu.

Ayo masezerano akaba yateweko igikumu na Nyenicubahiro umukuru w‘igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza igihe yakira intumwa zo mu gihugu c‘Ubushinwa zirongowe na Zhong Shan asanzwe aserukira ibiganiro hagati y‘Ubushinwa n’amakungu mu vyerekeye ubudandaji. Urwo rugendo rukaba rwari mu ntumbero yo gushira mu ngiro ivyo umukuru w’igihugu c’Ubushinwa yiyemeje mu gufasha ibihugu vya Afrika n’Uburundi burimwo .

Muri urwo rugendo bari bamazemwo imisi ibiri amasezerano atatu akaba ariyo yatewe ko igikumu .

1.Rimwe ryerekeye imfashanyo igera ku miriyoni 22 z ‘amadorari y ‘abanyamerika.

2.Irindi naryo ryerekeye amasezerano y ‘ingurane izotangwa n’ibanki Exim.

3.Irya gatatu naryo rijanye no kwubaka urugomero rw’umuyagankuba ku ruzi ruzibazi hamwe no kwubaka ikirimba c’umukuru w’igihugu hamwe n’ivyegera vyiwe uko ari bibiri, ubu ndetse uwo mugambi ukaba waratanguwe kwigwa mugabo ukazotangura mu mwaka w’2014.

Umukuru w’igihugu c’Uburundi nyenicubahiro Petero Nkurunziza akaba yarashimye cane iyo mfashanyo. Arashima kandi imigenderanire y’Ubushinwa n’Uburundi mu vyerekeye gufasha, haba mu gisata c’indero amagara y’abantu, igihugu c’Uburundi gifitaniye n’igihugu c’Ubushinwa, ndetse imaze igihe kitari gito.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.