IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Imirongo yagenewe abagenda n’amaguru igiye gusubira gusigwa

Imirongo yagenewe abagenda n’amaguru igiye gusubira gusigwa

mardi 5 Munyonyo 2013

Mu gisagara ca Bujumbura, bagiye gusubira gusiga amarangi mu gisagara aho imirongo yerekana aho umuntu ajabukira isa niyafuditse, ayo mabarabara akazosirwa mu ntumbero yo kugabanya amasanganya.

Mu giosagara, ahenshi imirongo yerekana aho umuntu agenda n’amaguru ajabukira, myinshi isa niyafuditse mu mabarabara, akarorero akaba ari chaussee du prince Louis Rwagasore hamwe na boulevard de l’Uprona, usanga iyo mirongo yarafuditse. kuri iyo mpamvu, ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura bwoba bugiye gusubiramwo gusiga amarangi.

Amabararaba menshi yo mu gisagara ca Bujumbura yari afise imirongo yerekana aho abantu bagenda n’amaguru bajabukira, naho ahenshi bisa n’ivyafuditse, ariko rero ahenshi abagendesha imiduga ntibubahiriza amategeko agenga amabarabara, akenshi uwugendesha umuduga yorindiriye uwugenda n’amaguru akajabuka, ahubwo n’igihushane gurtyo amategeko y’ibarabara naho ariho, ntiyubahirizwa na gato.

Kubwa Lyse Claire Kezimana arongoye igisata kijejwe uruja n’uruza rwo mw’ibarabara mu gisagara ca Bujumbura, amenyesha ko iyo ivyo bicapo bitaboneka bituma haba amasanganya. Ikindi naco biragora kujabuka amabarabara ku bagenda n’amaguru. Ku vyerekeye naho abagendesha iùiduga batubahiriza amategeko y’ibarabara, igipolisi kijejwe umutekano wo mw’ibarabara kizohana abo bose barenga amategeko bayazi.

Iyo mirongo bashaka kuyibonesha kugira ngo borohereze abagenda n’amaguru. Icerekeye ikibazo c’aho bahagarika imiduga naho, umupfasoni Lyse Claire kezimana amenyesha ko bagiye kurondera ibindi bibanza kugira bahagire parking.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.