IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Imisore ijanwa mu myimenyerezo ya Gisirikare i Kongo irahaye (...)

Imisore ijanwa mu myimenyerezo ya Gisirikare i Kongo irahaye iramenyekana

lundi 28 Ndamukiza 2014

Umukuru w’ishirahamwe riharanira agateka k’abapfungwa n’akazinamuntu APRODH amenyesha ko bamwe mu basoresore baja muri Kongo iharanira intwaro rusangi bamaze kubamenya.

Petero Karaveri Mbonimpa avuga ko, hari bamwe bamaze kuza baravyivugira ko bahora muri ico gihugu ca Kongo. Ku nsamirizi ijwi ry’abanyagihugu RPA, avuga ko hari n’abantu kuvuga ko iyo misore igenda yambaye impuzu za gisirikare, kandi ugasanga bafise n’inkoho. Aremeza ko n’abatwara iyo misore muri ico gihugu bamaze kumenyekana, ndetse agatanga akarorero k’uwitwa Kazungu, yoba aja kenshi muri ico gihugu. Imisore yo mu Rubirizi na Kamenge, ikaba ariyo ivugwa cane kuba ijanwa muri Kongo.

Mwomenya ko uyo ari mw’ishirahamwe ataho ryegamiye mu vya poritike yamenyesheje ko ivy’abo basore bajanwa mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, yabibariye n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana, mu kiganiro yagiranye n’abarongoye ayo amshirahamwe. Avuga ko hari n’amakuru avuga ko, hari abantu boba basigaye bajanwa kwicirwa muri ico gihugu, bagahambwayo.

Ivyo, akaba abimenyesheje mu gihe icuka atari ciza hagati ya Reta y’Uburundi n’abavuga ko urwaruka rw’Imbonerakure rukomoka muri uyu mugambwe rwahawe inkoho, ndetse bikavugwa ko muri urwo rwaruka nyene, hari aboba barajanywe muri ico gihugu ca Kongo iharanira intwaro rusangi mu myimenyerezo.


Aristide Nizigire

Messages

  • kenyera mugwanye ubutegetsi bwa cdd-fdd murabe ko bwobava kwizosi kuko budakora ivyo mushaka.ariko ikibazi muzobishobora ? murizeye ko cdd-fdd izotsindwa mumatora ? vyose mukore kugirango mushigikire abatavuga rumwe nareta kugira bazotsinde hanyuma bazotware ukwo mushaka. ariko ikibazo ... murabona ko muzotsinda umugambwe cdd-fdd.? none nimwatsindwa canke abomushigikiye muvyiyumviro vya politike bagatsindwa muzabigenza mute ? kombona abagumyabanga bakiri isinzi ? ivyo mugira vyose mubigire mushira imbere amatora kugira murabe ko mwotomboza mugahindura ibintu.

  • Yomba bashaka izindi negociation naye gutsinda simbona ko bazotsinda guko ils sont desorganises kandi sinzi ko bonashobora guhurira kuri un candidat unique bagize Imana bakaja hamwe.

  • nubwo bija hamwe ntibashobora gutsinda .. urvye ukuntu amategeko atogwa bakayiyamiriza bakavuga ko aje gutunganiriza cdd-fdd gusa kandi arayazokora muri kazoza inyuma wanashaka yumwaka biboneka ko nabo bazi ko bazotsindwa iyo bitaba ukwo baba bihorera kuko bazi ko buca babihindura none iturufu yayomategeko nyene niyo izotuma umugambwe Cdd-fdd ibanikira bagasigara bufashe kumunwa . ndakurahiye.. gusa ngira ndabereke leta president ni Adolphe nshimirimana naho icegera ca 2 cumukuru wigihugu azoba Aghato Rwasa.. intama nshingamateka nankenguzamateka bizorongogwa nabagumyabanga .. hama ivyegera vyabo umwe azova muri Fnl uyundi azova muri Uprona.. abaporona nibemera amatora akaba bazoronka ibibanza bikeyi cane gusumba ivyo baronse 2010 ntibazorenza abashingamateka 7.. bazoronka abashikirangaji 4 gusa Fnl izobona beshi frodebu ikurikire sinduhije wewe wa MCD ntawuzi ivyiwe kuko azoba yihishe canke ari mumunyororo .. uwubibona ukundi ampinyuze gira amahoro

  • Uwo aramenyerewe,ivyo yabeshe kugira ntibimukoreko,aca ahiga abo ahendesha udufaranga abapanga ivyo baza kubesha.mbega nkubu abo basore avuga atoberekana,ariteguriye guhanwa?Nareke kuza arinyegeza inyuma y’amashirahamwe,kandi bigaragara ko agwanya reta mugushaka kuyambika ibara.

  • Jewe ndatewe ubwoba n’ingendo yafashe Claver Mbonimpa kuko intumbero y,ishirahamwe arongoye cokugenzura agateka ko gukingira abanyororo. Claver Mbonimpa uretse iryo shirahamwe jewe nandika turazinanyi murifrodebumuri zone nord kuko ava iNgozi ,jewe nkibaza impamvu hageze aho ata ubwokouravye ivyo yandika,nivy,avuga vyose bija munzira yokurwanya Leta y’Uburundi nkibaza rerohamwe niyagira ivyago cndd-fdd iyoazoa anyikira

  • Abobagabo sinziko mumaze kubakurikirana iyohagize umuntu wokurwego mpuzamakungu agomba gutemberera i Burundi canke mugihugu kibanyi canke inama igombibe yiga ibijanyenu Burundi, Bacabatangura kuvuga yamuhe ahorero simvuze ko hariho nigihe barungika abantu kuzura abafuye bakabajana kubata munzuzi maze bakacabatagura kuvugayamuhe ngo imivyimba ikomeje kuboneka munzuzi iraduteye amakenga! Injavyinkizo nabozibaza ko zifasha ngokugira bazotsinde amatora yomuri 2015 imvugozabo zifashacane abarundi kugumababonako CNDD FDD igikenewe kubutegetsi kandi barabibereka ahobukera muri 2015 muzobamumbarira.

  • N’abasirikare bodutabaye babahereje muri somali na centre africaine,bazo turasa atacamira.muga urucira mukaso rugatwara nyoko....

  • Hari ubuzi bumwe iyo abantu batari mu ngorane buca buhomba, Akarorero, atabarwayi batahari, mwibaza ko abavuzi bobaho? Atabitaba Imana, mbega barya bacuruza amasundugu yo gushinguramwo abantu canke barya batunganya impafu boca baja he? Nico kimwe nabo biyita ngo baharanira agataka ka zina muntu bamwebamwe (si bose) abantu nk’abo ba Mbonimpa, Vital, Pacifique,... Barazi neza ko iyo igihugu gitekanye ata mpamvu nimwe boronka yo gusaba imfashanyo nico gituma baguma bahenda amakungu ngo i Burundi biracika kugira ngo baronke amafaranga. Burya ni amakosa manini gufindanira ku banyagihugu, nkuko Prezida Ntibantunganya akunda kubivuga. Uburundi buratunganye, ntamuriro uriko urahaka, uwushaka amaronko naje mu mugambwe canke atanguze uwiwe hama aje mw’ihiganwa nk’abandi tuze tumutore canke tumwime amajwi dukurikije imigambi yiwe afitiye igihugu. Mbega hari amahoro asumba uko umuntu atembera igihugu cose c’Uburundi atanuwumuriye urwara? Jewe mperutse kudugana mw’Ijenda, nca Matana, ndara Rutana kabiri, nja SOSUMO na Muzye, mugutaha nca Kayogoro, Makamba centre, Mabanda, Rukonwe, Muyange, Nyanza-lac, Mvugo, Muguruka, Rumonge, Magara, Gitaza, Kabezi, Ruziba nshika Bujumbura atawundiye n’urwara canke ngo ambaze ngo uri nde canke ugomba iki. None ikindi abarundi twifuza ni igiki? Ngo ingumba itazi ikibi irigata ishenyo. Baratira agahuzu bagende Kigali ahitwa Gisozi mwirabire amarorerwa y’ihonyabwoko canke Jenoside. Imana izigame abarundi nayo izo ntambara zihitane abazifuza, kumbure nico babona cobabera ciza gusumba.

  • @Jean: None, ukaba usanga uri Imbonerakure mu zindi, wagombe ube iki none? Ijandajandire, murundi si wewe nawe!!! Niwaraba nabi naho, hari igihe wobona ziguhindukiriye...

  • Ivy,Uburundi aho bigeze ubu nikubishira mumaboko y,Imana,mbe Jean@we kudondagura aho waciy naho waray aho mwiyo misi yose wariko ugenzwa n,amaki?niw ukunda Uburundi kurusha abandi kuburyo wobuzunguruka atawugutumy cank atamuntu ahay uhigayo canke ayo mahirw ufise yokuba I Burundi nikubwaw cank n;ikubwumugambw ahubwo naw bagushir mubaja muri Congo ntivyumvikana kumara u burundi ataco uriko ukora.aho nabandi bazovugwa mbe kobibagiy ,Mafyeri rubirizi,Bizi rubirizi!

  • ABO BAGABO BARANKA UBURUNDI MAIS BAMENYE KO ABARUNDI TWABAHINYUYE!
    KO ATAVUGA ABA SANS ECHECS BAGIYE GUFASHA M23,BA KIWI N ABANDI.HEWE UMWANA YANKWA NIWE AKURA TUZOBATEGEKA MPAKA!!

  • NONE MURI CONGO ABAHO NTIBAVYIVUGIRA ,,NONE ABA DD MUZOVAYO RYARI ,,MBE ADOLPHE NI DD IZOMUTANA!!!!EREGA DD YARAOGOWE UBWO UWO ABIVUGA USANGA ARI HAFI YABO NTUZI KO BASHIRA IMBRE IBIJUJU GUSA KUGIRA BIHIGE KWICA IBIPINGA....ATA MURI CONGO NA MBONERA ZIRIYO,,,HEEEE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.