Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Impamvu abakunzi bambikana impeta z’inzahabu na diyama
 Impamvu abakunzi bambikana impeta z’inzahabu na diyama
 Impamvu abakunzi bambikana impeta z’inzahabu na diyama
				
				lundi 3 Ruheshi 2013
Umuntu ashobora kwibaza igituma impeta zikozwe mu nzahabu canke muri diyama ziharawe kandi zigakundwa cane.
Kenshi abantu baragurira abakunzi babo impeta zikozwe mu nzahabu canke muri diyama batazi neza impamvu yinyegeje inyuma, bakazigura nkuko vyama bikorwa mu buzima busanzwe.
Diyama ni ibuye rizimvye cane kwisi kandi ririnda cane ibintu vyinshi, ni ibuye rikomeye rikoreshwa mu bintu vyinshi mu mahinguriro kandi rikaba rikayangana.
Kubera ubwiza bw’ayo, rikoreshwa mu guhingura ibintu vyambarwa mu gushariza umubiri, abakenyezi bose bagaca bipfuza kwambara diyama, bayikoresha mu gukora amahereni, impeta, ibidede vyo mw’izosi no ku mabako, impeta zubugeni, n’ibindi.
Benshi bazigura mu ntumbero yo kwerekana ko bafise ububasha bwo kugura iryo buye rizimvye canke gusa ko baba bakunda ubwiza bwayo ariko risigura ko urukundo mufitaniye ruzokwamaho, ko rufise ubukomezi ntangere, kandi ko n’isezerano muba mugiraniye n’uwo wambitse iyo mpeta riba ari intamenwa, ko rikomeye nk’urutare.
Dorine Irambona

Messages
3 Ruheshi 2013, 16:11, par nico
iyo muva murabesha!!ubu ko ba maman naba nyogokuru batambikana impeta za zahabu na diyama ko mbona bakundanye murupfasoni atawuvanga undi yaba umugabo cnke umugore kndi bagasazana???huuu reka sha reka mbona birirwa bazambikana zikarara zirasha!1kwambara nikimwe kuba warasenze mugutora uwo uwo muzobana kndi ugafata decision ko muzobana ubuzima bwose naco nikindi!