IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Impusha zo kwiyunguruza imbere y’ibikorwa rusangi zigiye gusubira (...)

Impusha zo kwiyunguruza imbere y’ibikorwa rusangi zigiye gusubira gutangwa

vendredi 11 Nzero 2013

Mu gihe ku munsi wa gatandatu haba hari ibikorwa vy’iterambere rusangi imbere y’isaha zine n’igice.Ababa bashaka gutembera muri uwo mwanya bagiye kuronkera impusha m’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu.

Mu gihe rero ku minsi yose ya gatandatu haba hatunganijwe ibikorwa rusangi,umukuru w’igisagara ca Bujumbura Saïdi Juma yamenyeshejeko abantu bose bipfuza impusha zo kwiyunguruza muri uwo mwanya bazozironkera m’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu Atari m’ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura.

Yamenyesheje kandi ko abakozi bo mu bisata vyo kumenyesha amakuru,abakora mu gisata c’amagara y’abantu hamwe n’abakora mu biro vy’abaserukira ibihugu vyabo m’u Burundi barekuriwe kwiyunguruza uravye akamaro k’ibikorwa vyabo.

Twobibutsa ko ibikorwa vy’iterambere rusangi bitunganijwe iminsi yose ya gatandatu gushika igihe c’isaha zine n’igice zo mu gatondo.


Joel Sengurebe

Messages

  • bravo M. le maire, ikibi si ukurwa ahubwo ni ukurwa ugaherayo.Ntivyari gushoboka ko abantu bose bugaranirwa mu nzu kandi hariho ingorane zagiturumbuka zishikira abantu: hari indwara, abafatwa n’imbanyi, hari abamenyeshamakuru, n’abandi n’abandi benshi.Ariko rero bigishe abapolisi bareke gufata ingingo yafashwe nkijambo ryo muri bibiliya bashitse kuri terrain bamenye kubona umuntu afise ingorane zitihanganirwa bamureke akomeze urugendo kuko ikigihugu nticishwe nukudakora ibikorwa rusangi cishwe n’ibindi.Ahubwo babitunganye neza kuko uba abantu munzu bakababuza gukora, guteza imbere igihugu kandi nivyo bikorwa rusangi nyene ntibikorwe

  • Jewe mu BURUNDI ndahaheruka kera,haraheze imyaka 22, niga i MURORE mu ntara ya CANKUZO. IGIHE bravo kongera kutwibutsa utwakera. Muje murashiramo n’ utujajuro. None gayemwe ijya karata y ’ u BURUNDI mbona hajya yoba ajya ari amakomine canke ni amaprovensi? Ko umengo province zari indwi. Mwombarira ni yaba vyarahindutse? Mwoyishira en couleur vyopfuma aho umuntu yoraba. Abize i MURORE mushika ku IGIHE. Mwandike tuze turayaga. Murakoze nakagaruka.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.