IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Imvugo y’umushikiranganji Tabu Abdallah Manirakiza ntihura niya (...)

Imvugo y’umushikiranganji Tabu Abdallah Manirakiza ntihura niya REGIDESO

mardi 5 Myandagaro 2014

Imvugo y’umushikiranganji w’ikigega ca Reta Tabu Abdallah Manirakiza ntihurizwako n’abajejwe umuyagankuba mw’ishirahamwe REGIDESO. Umushikiranganji Tabu Abdallah Manirakiza yari yamenyesheje abashingamateka ko kuva ku genekerezo rya 01 Myandagaro 2014, umuyagankuba azokwama uboneka umwanya wose, ariko imvugo ntiyabaye ingiro.

Umunsi yari umutumire mu nama nshingamateka, mu bikorwa vyo gusigurira abashingamateka bagira bige integuro y’itegeko isubiramwo amafaranga Reta izokoresha, umushikiranganji Tabu Abdallah yabwiye abashingamateka ko muvyatumye amwe mu mafaranga Reta izokoresha aduzwa ari kugira abanyagihugu basubire kuronka umuyagankuba umwanya wose. Iyo nyishu y’umushikiranganji Tabu Abdallah Manirakiza yazanye umwizero ku banyagihugu bavuga ko bahora batakirangura neza imirimo yabo kubera umuyagankuba uguma ugenda, kandi ntibanabwirwe n’ikirangamisi c’ukuwuronka.

Kuwu uwu wa gatanu igenekerezo rya 01 Myandagaro 2014, abanyagihugu babandanije kubura umuyagankuba nk’uko vyari bisanzwe, bakavuga ko babandanya kuhahombera, cane cane abarangura imirimo mito mito ikenera umuyagankuba, nk’abasudira, ba kimyozi, abadandaza amata, n’abandi. None umushikiranganji Tabu Abdallah Manirakiza yoba yasezeraniye abashingamateka ivyo atari bwavugane n’ababijejwe mw’ishirahamwe REGIDESO? Tabu Abdallah Manirakiza yoba yabishikirije asanzwe azi ko bitazoshoboka? Ukwo kuvuguruzanya kw’abakorera Reta imwe kwoba kwavuye kuki? Abashingamateka ko basanzwe aribo baserukira abanyagihugu babatoye, boba bagiye gufata minenerwe ivyo umushikiranganji yemereye abanyagihugu ariko ntiyabishitsa?

JPEG - 79.1 ko
Umushikiranganji Tabu Abdallah

Naho uwo mushikiranganji yemeye ko ikibazo c’ibura ry’umuyagankuba cari kuba cesezerewe ku genekerezo rya mbere Myandagaro 2014, mw’ishirahamwe REGIDESO bamenyesha ko ingorane zigihari, kuko naho hoboneka ivyuma bisahiriza ingomero z’umuyagankuba, hazoba hakenewe umwanya wo kubisuzuma (entretien). Wilson Itangishaka, ajejwe umuyagankuba mw’ishirahamwe REGIDESO amenyesha ko bitazoshoboka ko abanyagihugu bose baronka umuyagankuba mu myanya umwe.


Egide Nduwimana

Messages

  • ico kibazi kijanye nuburyo bwa leta areke kuduhenda ..Abantu biba vyoose bokurahe amahera yo kugura carburant ya za groupes !!!Muri dd ntibumva bimwe bareke kuduhenda umwe wese yiba aho ashika ..c est tout ..abandaza bato muma quartier barahevye bagira biyahure ,amata soudures n utundi ...peter ataretse kwiba ntaho tuja be nuguhendesha abantu ibikorane ..Ariko abarundi umengo barakanuye

  • ico kibazi kijanye nuburyo bwa leta areke kuduhenda ..Abantu biba vyoose bokurahe amahera yo kugura carburant ya za groupes !!!Muri dd ntibumva bimwe bareke kuduhenda umwe wese yiba aho ashika ..c est tout ..abandaza bato muma quartier barahevye bagira biyahure ,amata soudures n utundi ...peter ataretse kwiba ntaho tuja be nuguhendesha abantu ibikorane ..Ariko abarundi umengo barakanuye

  • badugije ibiciro vyumuyagankuba bavuga yuko baguze amamashini yogusahiriza igihe baduzibiciro hari 2012 igitangaje nta hinduka narimwe ryigeze rihaba bugingo nubu ingorane niryanyene bikora abatabifitiye ubumenyi

  • Ariko jewe ndatangaracane nababazwango Tabu yavuze ibi canke biriya none Tabu nimuzi ico risigura nukuri abafashe Tabu bakamuzeza ikigega nibo bataye igihugu mungorane.Kuko ntakuntu wofata umuntu n’abavyeyi babonye ko ari ingorane(Tabu), ngumuzezeikigega c’igihugu.Uburundi bufise INYATSI kubwiwe Ngorane(Tabu).Mwihangane rero Imana izodukiza i TABU

  • Ariko jewe ndatangaracane nababazwango Tabu yavuze ibi canke biriya none Tabu nimuzi ico risigura nukuri abafashe Tabu bakamuzeza ikigega nibo bataye igihugu mungorane.Kuko ntakuntu wofata umuntu n’abavyeyi babonye ko ari ingorane(Tabu), ngumuzezeikigega c’igihugu.Uburundi bufise INYATSI kubwiwe Ngorane(Tabu).Mwihangane rero Imana izodukiza i TABU

  • iciyumviro noshikiriza nibige ine basi bokurunya kuma quartier kumura ahandi mwijoro nko mukibenga bara turenganya caane ibindi navyo ni IMANA Yokudutabara

  • none gayemwe ni mutekereze twaratoye nabi igihugu kimaze imyaka igera kurindwi kitagira umuyaga nkuba mugisagara tena. naka maramaza.jeeeewe aba dd ni murindire umugani wabo ngwakarinyuma karahinda .....ntacomurabona

  • Ese nkuwo yiyita Nwari niyivuge yishire ahabona uwariwe niho twemera ko ari umugabo avugira abatari aba DD.duhe number zawe tuze tuguphona twumve ivyiyumviro vyanyu.aho naho muvuga ngo uwo Mama ntazi kwandika do you know she is better educated than u mampalas???!!!!you must turn your tongue 7 times beforee ur utter ur shit words.fait attention

  • burya twese twaguye mugahundwe twumvise imvugo zuwo munyacubahiro wareta ahavugako intwaramiheto zabarundi zikoresha inkoho zatiye ibihugu bibanyi ngonicogituma atamahera zica aja mukigega careta twebwe tuzikoresha twumiwe twri tuziko twagiye guciringero reta ntitwari tuziko arakagwi kabantu bamwe ariko gayemwe muyobeweko umutama bagaza yari yitanze mukugura ibikoresho gisirikar?nukuri dukoresha izacu kiretse brende zimwezimwe nazone igihugu kirazisaba hanyuma zikiriha muyo zica na deux dollars ngontayazi turagowe nukuri sonayo gusa kuko reta isanzwe inatuvunjira nabi cane amahera ingabo zacu zinjiza asumba ayubutare twumva avugwa akinamura akavugako afasha utuntu tumwe abasoda ntadutere kubaza iyaja twebwe tuyaca kuko twarumiwe

  • Indura yiyise Bagaza utegerezwa kuba urara uradota?ko kuriyinkuru ataco nanditse unyadukanye gute?? Ukueneye tel zanje andika gwawe hanyuma ze ndagutelephone.indura nkawe irazirana iba irya ibihori??namavak

  • Nta gitangaza kuko Tabu yama avuga ibigoramye gusa!
    Gucafuza igisoda avugako gitira inkoho ntabwo yagize Atteinte àla sûreté?
    Aho naho adatoje amahera y’ikori ku bamaraya!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.