IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Inama idasanzwe ku mugambi w’indondabihugu ku buhinga bwa none

Inama idasanzwe ku mugambi w’indondabihugu ku buhinga bwa none

mardi 28 Rusama 2013

Ibiro vy’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu ari navyo vyatanguje umugambi w’ubuhinga bwa none bwerekana aho ikintu cose kw’isi giherereye biciye ku buhinga bwa none(Bureau de centralisation geomatique), vyatunganije kuri uyu wa kabiri inama idasanzwe yo kwibutsa abafasha Uburundi ibijanye n’itunganwa ry’uwo mugambi, inama yari yatewe iteka na Nyenicubahiro icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Gervais Rufyikiri.

Uwo mugambi wafashwe kugira borohereze abafata ingingo mu gihe vyagaragaye ko inzego zitandukanye zitoroherwa iyo ziriko zirondera amakuru n’ibiharuro bizifasha gufata ingingo, na cane cane ko mu myaka iheze hari ibikorwa vyarangurwa mu bushikiranganji ariko ababikeneye ntibamenye aho babironderera.

Frederick Ngendabakana, umunyamabanga ntayegayezwa mpuzabikorwa muri BCG(Bureau de Centralisation Geomatrique), ibiro bijejwe gushirahamwe amakuru n’ibiharuro biva mu bisata bitandukanye hakoreshejwe ubuhinga bwa none amenyesha ko iyo nama yari iyo gutumako abasanzwe bariyemeje gufasha muri uwo mugambi mu guterera agacumu k’ubumwe.

Yasavye ko ubumenyi bwohabwa ku bakozi b’ico gisata gisa nka gishasha mu Burundi, batibagiye gukarihiriza ubwenge abahinga n’ugutanga inyigisho ku banyeshure bo muri kaminuza y’Uburundi bo mu bisata bijanye n’indondabihugu ku buhinga bwa none.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.